BBC yugaye ibiro ihagarika n'ibikorwa vyayo mu Burundi

Ikimenyeshamakuru mpuzamakungu co mu Bwongereza, BBC, cugaye ibiro kinahagarika ibikorwa vyaco vyose mu Burundi gushika hafashwe iyindi ngingo, inyuma y'aho kwumvikana n'abajejwe intwaro vyankiye.
Mu kwezi kwa gatatu uno mwaka, leta y'u Burundi yabujije BBC gukora inabuza uwo wese ari ku butaka bw'u Burundi guha BBC amakuru ayo ariyo yose.
Ivyo vyabaye inyuma y'ikiganiro BBC yacishijeko, leta yavuze ko gityoza igihugu c'u Burundi.
Ikimenyeshamakuru co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Voice of America, naco carahagaritswe mu kwezi kwa gatatu.
Amakungu abandanya yerekana impungenge ku kibazo co kwishira ukizana mu gushikiriza iciyumviro mu Burundi.
Mu ndwi iheze ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryariyamirije igenwa ku burongozi bw'ikimenyeshamakuru ca leta, umukuru w'Imbonerakure zagirizwa amabi atandukanye - ivyo ubutegetsi bwiyamiriza.






