Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tubashikane ku mamba zo muri Kongo
Mu mashamba akwiye igihugu cose, hampande y'intambara n'ikiza ca Ebola bigize amakuru avugwa cane, Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Kongo irahanzwe kandi n'akaga katigera kavugwa.
Iki gihugu gifise amashamba manini atunze inzoka z'ubwoko bwinshi z'ubumara bukaze.
Kongo ni akarere karangwamwo abantu bahitanwa, abandi bakomeretswa n'inzoka z'ubumara, ikibazo kimaze gushikirizwa n'ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi OMS hamwe na Médecins Sans Frontières, nk'ikiza gihanze Afrika ariko cirengagijwe.
Umuhinga mu gufata amasanamu, Hugh Kinsella Cunningham, yarashoboye gufata amasanamu ya hafi cane y'inzoka ziri mu zikaze cane kw'isi, kubw'ikigo Pulitzer Centre on Crisis Reporting.
Uyu murovyi yitwa Patrick Atelo yerekana imamba ikomeye ku ruzi Ruki. Iyo nzoka yabonetse hafi y'agacimbiri. Kubera ubumara bw'inzoka buhitana abatari bake, ziratinywa ari co gituma zica zicwa iyo hagize iyo babona.
Icegeranyo c'ishirahamwe OMS giheruka, kivuga ko abarenga imiliyoni indwi n'igice bakomorwa n'inzoka, bigatuma abari hagati y'ibihumbi 81 na 137 bahitanwa n'ubumara bwazo, abandi nabo ugasanga baciwe amaguru bakagirwa ibimuga ubuzima bwabo bwose.
Kenshi inzoka zirakunda gufatwa n'insenga z'abarovyi mu ruzi Kongo, ari co gituma bitonda mu kuraba ivyo barovye.
Cunnigham kandi yashoboye gufata amasanamu ya hafi cane y'inzoka, nk'akarorero iyi y'inkoma aha hejuru.
Avuga ati: "Narashoboye gufata amasanamu ya hafi cane mu kugerageza kuzegera ntakoma ivyatsi kandi nkaguma hamwe rwose".
François Nsingi, umuhinga wo ku kigo kijejwe kurwanya ubumara muri Kongo, yagerageje uburyo ashoboye kugira ngo inzoka zikaze ntizigire ubwoba.
Cunningham avuga ko yafata aya masanamu ya hafi mu gihe inzoka zarabishwako kamera zikabanza kuyihweza kugira zimenye ico ari co.
Avuga ati: "Gukorana na François, amaze imyaka myinshi araba ivy''inzoka, vyatumye ntagira ingorane ndafata ayo masanamu kuko iyo mba jenyene nari guhura n'ibibazo".
Uyu ni Joel Botsuna, icegera c'uwurongoye akarere kazitiwe kegukira ikigo kijejwe gukingira ibidukikije, "Institut Congolais pour la Conservation de la Nature (ICCN)", mu ntara ya Equateur, afise imamba yo mu bwoko bwa Jameson. Yari yaraye yishwe n'abasanzwe barimira muri ako karere.
Imamba zifise ubumara bukaze cane, kuko iyo zikomoye umuntu ashobora gupfa mu kiringo kitarenze amasaha abiri.
Iyi ni inkoma yafashwe n'umutego w'umurovyi Shadrack Ifomi. Mu buzima bwiwe bwose atunzwe n'ukuroba kandi amaze gukomorwa kenshi, ariko imana agira ni uko ziba ari inzoka ntonto z'imamba.
Abantu bakorera mu mashamba barakunda gukomorwa cane n'inzoka, harimwo n'imamba canke inkoma zishobora kwibaza ko zatewe zikarondera kwivuna.
Monique Dongo asanzwe afise amatongo, yarakomowe n'inzoka mu gihe yariko agenzura imirima yiwe. Umuvuzi akoresha imiti kama mu gisagara ca Mbandaka kiri mu burengero bw'igihugu yamuhaye umuti w'inzoka.
Iyi miti igizwe n'ivyimeza hamwe n'umutwe w'inzoka bisekurwa hanyuma bikavangwa, bigaturirwa kugira bivemwo agafu gasigwa ku ndasago baca ku kuboko kw'uwakomowe n'inzoka.
Iyi miti irashobora gupfupfahaza ariko kandi igashobora kwandurukamwo n'izindi ndwara. Nk'akarorero, indasago zicibwa n'inzembe kugira zisigweko akanyota zishobora kuvamwo izindi ndwara.
Bienvenue Efete yafashwe isanamu aho munsi, ni umwe mu bantu basanzwe bavuza iyo miti kama.
Muganga Anaurite Nyaboleka, ari kw'ivuriro ry'ahitwa Tabe muri Mbandaka, afise ingorane z'ukuronka imiti ivura ubumara bw'inzoka. Ico akora ni ukugerageza gukinga ingaruka ziva ku bikomere vy'abakomowe.
Inzoka kandi ziraribwa - ibi biboneka hano ni inyama zazo ziriko zigurishwa kw'isoko ry'ahitwa Makila, muri Mbandaka. Imwe igurwa hagati y'ibihumbi bitatu n'ibihumbi bitanu mu mafaranga yo muri Kongo, ni ukuvuga amadorari hafi 3.
Ayo masanamu yose ni aya © Hugh Kinsella Cunningham afashijwe n'ikigo Pulitzer Centre.