Muri Venezuela ibintu ntivyifashe neza, hadutse n'itana mu mitwe nyuma y'ijambo rya Guaido

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwutavuga rumwe na leta ya Venezuela, Yuan Guaido, yahamagariye igisirikare gukura ku butegetsi Prezida Nicolas Maduro
Muri video yafashwe mbere y'umutwenzi ari imbere y'ikigo ca gisirikare ku murwa mukuru Caracas, Bwana Guaido yavuze ko yatanguje intambwe ya nyuma yo gukura ku butegetsi Bwana Maduro.
Bwana Guaido ubu yavuye kuri ico kigo ca gisirikare, ariko habaye itana mu mitwe hagati y'abashigikiye abatavuga rumwe na leta hamwe n'abasirikare, hagaragara ibiduka bitamenwa n'insoro binyuragirika hagati y'abari mu myiyerekano.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu benshi bagaragaye barambaraya hasi mw'ibarabara.
Bwana Maduro abicishije ku rubuga hwaniro twitter yavuze ko yavuganye n'abarongoye igisirikare kandi ko bamumenyesheje ko bamushigikiye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yasavye ko haba imyiyerekano yo kwiyamiriza abarwanya leta kugira amahoro atsimbatazwe muri Venezuela.
Kare leta yari yavuze ko iriko irahosha igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi.






