Muri Venezuela ibintu ntivyifashe neza, hadutse n'itana mu mitwe nyuma y'ijambo rya Guaido

Abashigikiye abatavuga rumwe na leta batanye mu mitwe n'abajejwe umutekano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye abatavuga rumwe na leta batanye mu mitwe n'abajejwe umutekano

Uwutavuga rumwe na leta ya Venezuela, Yuan Guaido, yahamagariye igisirikare gukura ku butegetsi Prezida Nicolas Maduro

Muri video yafashwe mbere y'umutwenzi ari imbere y'ikigo ca gisirikare ku murwa mukuru Caracas, Bwana Guaido yavuze ko yatanguje intambwe ya nyuma yo gukura ku butegetsi Bwana Maduro.

Bwana Guaido ubu yavuye kuri ico kigo ca gisirikare, ariko habaye itana mu mitwe hagati y'abashigikiye abatavuga rumwe na leta hamwe n'abasirikare, hagaragara ibiduka bitamenwa n'insoro binyuragirika hagati y'abari mu myiyerekano.

Bwana Guaido yavuze ko iyi ari intambwe ya nyuma yo gutembagaza bwan Maduro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Guaido yavuze ko iyi ari intambwe ya nyuma yo gutembagaza bwan Maduro

Abantu benshi bagaragaye barambaraya hasi mw'ibarabara.

Bwana Maduro abicishije ku rubuga hwaniro twitter yavuze ko yavuganye n'abarongoye igisirikare kandi ko bamumenyesheje ko bamushigikiye.

Juan Guaido yahamagariye abantu kuja mu mabarabara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Juan Guaido yahamagariye abantu kuja mu mabarabara

Yasavye ko haba imyiyerekano yo kwiyamiriza abarwanya leta kugira amahoro atsimbatazwe muri Venezuela.

Kare leta yari yavuze ko iriko irahosha igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi.