Juan Guaidó yatswe ubudahangarwa n'abayoboke ba Prezida Maduro wa Venezuela

Ahavuye isanamu, Reuters
Inama nkuru y'iguhugu ca Venezuela ijejwe gusubiramwo ibwirizwashingiro (Constituent Assembly) yatse Juan Guaidó arongoye abatavuga rumwe na leta ubudahangarwa asanzwe ahabwa n'uko ari umushingamateka, ingingo ishobora gutuma ahagarikwa.
Abagize iyo nama bemeje bose ata n'umwe avuyemwo ivyasabwe na sentare nkuru y'igihugu.
Iyo nama igizwe n'abayoboke ba Prezida Nicolás Maduro wa Venezuela ibonwa ko ari ukugerageza guca inyuma inama nshingamateka isanzwe yiganziwe n'abatavuga rumwe na leta.
Sentare nkuru iherutse kuvuga ko Bwana Guaidó yokurikiranwa ku caha c'ukurenga kw'itegeko ryamubuza kurenga imbibe z'igihugu igihe yagira urugendo rwamushikanye mu bihugu vya Amerika y'Epfo mu ndwi ziheze.
Iyo sentare nyene iherutse kubuza Bwana Guaidó gusubira kurangura amabanga ya leta mu kiringo c'imyaka 15, yongera ipfunga Roberto Marrero arongoye ibiro vya Bwana Guaidó yahagaritswe yagirizwa iterabwoba.
Bwana Guaidó avuga ko iyo ngingo iteye kubiri n'amategeko.
Avuga kuri iyo ngingo, amenyesha ko "atagusubira inyuma", n'aho yagabishijwe ko ashobora kunyuruzwa n'inzego za leta.
Bwana Guaidó yaritangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka wa 2019, akaba yaciye ashigikirwa n'ibihugu birenga 50 harimwo na Amerika.
Ariko Bwana Maduro nawe afise ibindi bihugu bikomeye bimushigikiye nk'Uburusiya n'Ubushinwa, kandi akaba ashigikiwe n'igisirikare c'ico gihugu.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya zigabisha leta ya Bwana Maduro ko guhagarika canke kubangamira ubuzima bwa Bwana Guaidó bishobora kugira "ingaruka zikomeye".
Mu gihe abo bategetsi babiri barwanira ubutegetsi, abanyagihugu ba Venezuela bari mu ngorane z'ukubura amazi n'umuyagankuba.
Leta ya Venezuela ivuga ko iryo kena ry'umuyagankuba n'amazi ari ingaruka z'imigumuko yateguwe mu ntumbero yo kwirukana Bwana Maduro ku butegetsi, ivyo Bwana Guaidó yamirira kure, akavuga ko iryo kena riterwa no gukoresha nabi itunga ry'igihugu.










