Sentare nkuru ya Venezuela isaba ko Juan Guaidó akurwako ubudahangarwa

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES
Sentare nkuru y'igihugu ca Venezuela isaba ko uwurwanya ubutegetsi bw'ico gihugu, Juan Guaidó, akurwako ubudahangarwa ahabwa n'uko ari umushingamateka, ibishobora gutuma afatwa agapfungwa.
Iyo ngingo ya sentare nkuru ivuga ko Bwana Guaidó yokurikiranwa ku caha c'ukurenga kw'itegeko ryamubuza kurenga imbibe z'igihugu igihe yakora urugendo rwamushikanye mu bihugu vya Amerika y'Epfo mu ndwi ziheze.
Vyitezwe ko umurwi w'abashingamateka begamiye leta ushigikira iyo ngingo.
Sentare nkuru y'ico gihugu iherutse kubuza Bwana Guaidó gusubira kurangura amabanga ya leta mu kiringo c'imyaka 15, yongera ipfunga Roberto Marrero arongoye ibiro vya Bwana Guaidó yahagaritswe yagirizwa iterabwoba.
Umumenyeshamakuru wa BBC Will Grant ari ku mugwa mukuru w'ico gihugu Caracas, avuga ko Bwana Guaidó ataremera ko iyo ngingo ikurikije amategeko, ikaba isa n'uko ataco izohindura mu mugambi wiwe w'ugukura n'ugusubirira Prezida Nicolás Maduro.
Avuga kandi ko n'ubwo biri uko, iyo ngingo ishira mu ngorane zindi Bwana Guaidó, zituma ashobora guhagarikwa.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya zigabisha leta ya Bwana Maduro ko guhagarika canke kubangamira ubuzima bwa Bwana Guaidó bishobora kugira "ingaruka zikomeye".
Bwana Guaidó yaritangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka wa 2019, akaba yaciye ashigikirwa n'ibihugu birenga 50 harimwo na Amerika.
Ariko Bwana Maduro nawe afise ibindi bihugu bikomeye bimushigikiye nk'Uburusiya n'Ubushinwa, kandi akaba ashigikiwe n'igisirikare c'ico gihugu.
Mu gihe abo bategetsi babiri bahiganirwa ubutegetsi, abanyagihugu ba Venezuela bari mu ngorane z'ukubura amazi n'umuyagankuba.
Leta ya Venezuela ivuga ko iryo kena ry'umuyagankuba n'amazi ari ingaruka z'imigumuko yateguwe mu ntumbero yo kwirukana Bwana Maduro ku butegetsi.
Abategetsi ba Venezuela bamenyesha ko bazogabanya amasaha yo gukora ku munsi bakugara n'amashure kubera ikena ry'umuyagankuba.










