Prezida Maduro wa Venezuela asaba abandi bantu umuliyoni kwinjira mu mirwi ya leta ifise ibirwanisho

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Venezuela, Nicolás Maduro, avuga ko akeneye abandi bantu bashika umuliyoni binjira mu mirwi ya gisivire ifise ibirwanisho gushika mu mpera z'uno mwaka wa 2019.
Ako kamo ko kwongereza igitigiri c'iyo mirwi itegekwa na Bwana Maduro kaje mu gihe Juan Guaidó arongoye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe abandanya asaba ko igisirikare cova inyuma y'uyo mukuru w'igihugu.
Gushika ubu, igisirikare kiracamushigikiye.
Nk'uko umumenyeshamakuru wa BBC, Candace Piette, akorera mu karere ka Amerika abivuga, ako kamo ka Bwana Maduro kabonwa nk'ukugerageza gukingira ubuzima bwiwe na politike yiwe.
Mu gihe yari mu myiyerekano yariko ibera ku mugwa mukuru Caracas, Prezida Maduro yarashimiye iyo mirwi ya gisivire ifise ibirwanisho kubona biteguriye "kurwanira amahoro, ubwigenge, ubusugire n'ukwikukira vy'igihugu cabo".
Yongeye kandi asaba abasanzwe bari muri iyo mirwi bashika imiliyoni zibiri kwijukira uburimyi, mu gihe ico gihugu ca Venezuela gihanzwe n'ikibazo c'ubutunzi bugeze ahatemba, abanyagihugu nabo bakaba bahanzwe n'ikena ry'imfungurwa.
Bwana Maduro yabwiye isinzi ry'abagize iyo mirwi ati: "N'inkoho ku rutugu, mwame mwiteguye kurwanira igihugu canyu kandi mufashe guca n'amatuta yo guteramwo ibiterwa kugira turonke umwimbu dushobore kugaburira abanyagihugu".
Hagati aho, Bwana Guaidó asaba abanyagihugu kwitabira imyiyerekano kugira ngo "batangure igice ca nyuma c'ukubogoza bwana Maduro".
Yabwiye abari mu myiyerekano y'abatavuga rumwe na leta ko bakeneye kwongereza inguvu kugira ngo bashobore kwomora Bwana Maduro.

Ahavuye isanamu, Reuters
Bwana Guaidó yaritangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka wa 2019, akaba yaciye ashigikirwa n'ibihugu birenga 50 harimwo na Amerika.
Ariko Bwana Maduro nawe afise ibindi bihugu bikomeye bimushigikiye nk'Uburusiya n'Ubushinwa, kandi akaba ashigikiwe n'igisirikare c'ico gihugu.
Bwana Guaidó yagiriza uwo bahanganye ko ubutegetsi bwiwe bwakoresheje nabi itunga ry'igihugu bigatuma ifaranga ryaco ritakaza agaciro bimwe bikomeye, umuyagankuba, imfungurwa n'imiti navyo bigakena.
Bwana Maduro wewe avuga ko ivyo vyose ari ingaruka z'imigumuko yateguwe n'abo batavuga rumwe bashigikiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu ntumbero yo kumwirukana ku butegetsi.










