Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abahagarikiye amatora barenga 270 muri Indonesia barapfuye kubera uburuhe mu guharura amajwi
Umurwi ujejwe amatora mu gihugu ca Indonesia (KPU), umenyesha ko abahagarikizi b'amatora barenga 270 bapfuye, ahanini bivuye ku ndwara zirututse ku buruhe kubera amasaha maremare yibikorwa vy'uguharura amamiliyoni y'amajwi bakora n'amaboko.
Arief Priyo Susanto, umuvugizi w'uwo murwi, amenyesha ko abandi 1878 barwaye.
Abantu bashika imiliyoni indwi nibo bahagarikiye ayo matora yabaye kw'igenekerezo rya 17 z'uku kwezi kwa kane, bakaba ari nabo bariko barafasha mu gikorwa c'uguharura amajwi.
Abo bahagarikizi bategerezwa gukora amasaha y'ijoro mu buryo butoroshe, bikaba vyaragize ingaruka mbi ku magara y'abatari bake.
Ayo matora niyo ya mbere ico gihugu kirimwo imiliyoni 260 cafatanije ku munsi umwe ay'umukuru w'igihugu nay'abashingamateka, mu ntumbero yo kugabanya amahera yari ategekanijwe gukoreshwa.
Ibice hafi 80 kw'ijana (80%) vy'abiyandikisjije bangana imiliyoni 193 baragiye gutora mu biro vy'amatora vyarenga ibihumbi 800.
Ariko ivyo biharuro birenze urugero bisa n'ivyagize ingaruka mbi ku bahagarikizi b'ayo matora batanguye gukora batabanje gupimwa amagara yabo nk'uko bimeze ku bakozi ba leta basanzwe.
Umuvugizi w'umurwi ujejwe amatora muri ico gihugu ca Indonesia yavuze ko abahagarikizi b'amatora 272 bapfuye bivuye ku ndwara zatewe n'uburuhe.
Uwo murwi utegekanya gutanga indishi y'akababaro y'amadolari 2500 ku muryango umwe umwe wabuze uwabo.
Ikinyamakuru Nikkei Asian Review kivuga ko iyo ndishi ingana hafi n'agahembo k'umukozi muto mu kiringo c'umwaka wose.
Abanegura leta bavuga ko ititondeye ivyo gufatanya ayo matora, vyavuyemwo ibitari vyitezwe kuri abo bakozi b'igihe gito.
Perezida Joko Widodo n'uwo bahanganye Prabowo Subianto, bompi bavuga ko batsinze ayo matora, n'aho ibiharuro vya mbere vyerekana ko Bwana Widodo yayatsinze ku bice biri hagati ya 9 na 10 kw'ijana.
Vyitezwe ko umurwi ujejwe amatora uzoheza guharura amajwi kw'igenekerezo rya 22 z'ukwezi kwa gatanu kuza, uce umenyesha abatsinze mu kibanza c'umukuru w'igihugu n'inama nshingamateka.