Igihugu c’Ubuhindi cinjiye mu matora azomara indwi zirenga zitanu, n'abatora bangana imiriyoni 900

Abantu imiliyoni 900 nibo bazoja muri ayo matora atunganijwe mu bice indwi
Insiguro y'isanamu, Abantu imiliyoni 900 nibo bazoja muri ayo matora atunganijwe mu bice indwi

Kuri uno munsi wa kane igenekerezo rya 11 ukwezi kwa kane, abanyagihugu bo mu Buhindi batanguye amatora abonwa na benshi ko asa n'ayo kwemeza uwusanzwe ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Narendra Modi.

Ayo matora niyo aboneka ko ari manini cane kw'isi. Abantu imiliyoni 900 bakwije imyaka 18 n'iyirenga nibo bitezwe gutora ku biro vy'amatora bingana n'umuliyoni.

Nta muntu n'umwe ategerezwa kugenda ibirometero birenga bibiri kugira ashike ku biro vy'itora.

Mu gatondo ka kare, abatora bari mabaze gushika ku biro vy'amatora kuri uno munsi wa kane.

Ayo matora ateguwe mu bice indwi kugira hatorwe inama nshingamateka azobandanya gushika kw'igenekerezo rya 19 z'ukwezi kwa gatanu kuza, amajwi akazotangura guharurwa kw'igenekerezo rya 23 z'uko kwezi nyene.

Umumenyeshamakuru wa BBC Telugu avuga ko hari imishamirano yibonekeje mu bice bitari bike. Ku biro vy'amatora biri ahitwa Anantpur, mu ntara ya Andhra Pradesh iri mu bumanuko bw'Ubuhindi, umuntu umwe yasize ubuzima mu mishamirano yadutse kuri ivyo biro.

Abandi nabo bane barakomeretse cane igihe abakozi bava mu migambwe ibiri barwana.

Mu ntara ya Chhattisgarh iri hagati y'igihugu, abikekwa ko bari mu muhari urwanya ubutegetsi ugendera ku vyiyumviro vya gisosiyaliste vya Mao (Maoists) bateye ikibombe hampande y'akazu k'amatora mu bucagucagu, kikaba atawe cahitanye canke ngo gikomeretse.

Inama nshingamateka izwi kw'izina rya Lok Sabha, igizwe n'abantu 543 batorwa, umugambwe canke urunani urwo ari rwo rwose rugakenera kuronka abagera ku 272 kugira ngo rushobore gushinga leta.

Bwana Modi yari yatsinze amatora aheruka yo mu mwaka wa 2014
Insiguro y'isanamu, Bwana Modi yari yatsinze amatora aheruka yo mu mwaka wa 2014

Abihweza ibintu n'ibindi, babona ko ayo matora ari yo ya mbere akomeye inyuma y'imyaka itari mike, inyuma kandi y'imyiyamamazo yaranzwe n'uguterana amajambo.

Umugambwe Bharatiya Janata Party (BJP) wegamiye idindi ry'Abahindu urongowe na Bwana Modi, niwo wari watsinze amatora aheruka yo mu mwaka wa 2014. Niwe yitoje ku giti c'uwo mugambwe, akaba mu myiyamamazo yiwe yemereye Abahindi ko agiye guhindura isura y'Ubuhindi.

Ariko abamunegura bavuga ko ivyo yari yemeye ko yari guteza imbere ubutunzi bw'igihugu agashinga n'ubuzi bwinshi atabishikije, ni mu gihe ico gihugu caranzwe n'amacakubiri afatiye ku madini ku ntwaro yiwe.

Umugambwe BJP urahanganye bikomeye n'iyindi migambwe yiganziye uburere, hamwe n'umugambwe Congrès National Indien, urongowe n'uwitwa Rahul Gandhi asigwa na Rajiv Gandhi yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu.

Rahul Gandhi arongoye umugambwe Congrès National Indien, ari kumwe na mushikiwe Priyanka Gandhi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Rahul Gandhi arongoye umugambwe Congrès National Indien, ari kumwe na mushikiwe Priyanka Gandhi

Uwuzotorwa muri ayo matora akazohangana n'ibibazo bitari bike.

Ikibazo gikomeye kikaba ari ic'ubushomeri, aho igitigiri c'abadafise akazi caduze birenze urugero.

Ikindi cerekeye ikena ry'amasoko y'ivyimburwa vyabaye umurengera ibiciro navyo bigakoroka, ivyatumye abarimyi basigara mu madeni y'umurengera.

Hari kandi n'ikibazo c'umutekano, cane cane inyuma y'igitero c'ubwiyahuzi cakozwe ku kirindiro c'igipolisi mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka wa 2019, gikozwe n'umurwi witwaje ibirwanisho uri mu gihugu kibanyi ca Pakistani kigahitana abantu 40.