Pakistani-Ubuhindi: Pakistani yahanuye indege y'Ubuhindi kubera ikibazo ca Kashmir

Abasirikare ba Pakistani iruhande y'ibisigarira ivuga ko ari ivy'indege yahanuwe y'Ubuhindi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Pakistani iruhande y'ibisigarira ivuga ko ari ivy'indege yahanuwe y'Ubuhindi

Pakistani ivuga ko yahanuye indege zibiri z'ingwano z'Ubuhindi, ifata n'abadereva bazo mu ruhagarara ruturuka ku kibazo c'intara ya Kashmir.

Ubuhindi bwemeje ko bwabuze indege imwe y'ingwano yo mu bwoko bwa MiG21, buvuga ko butazi irengero ry'umudereva wayo.

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Imran Khan yasavye ko ico kibazo cokwitondegwa.

Yagize ati: "Uravye ibigwanisho bafise n'ivyo dufise, ntidukwiye kwihenda."

Ibihugu vy'Ubuhindi hamwe na Pakistani, vyose vyiyitirira intara ya Kashmir, ariko igihugu kimwe kimwe kikagenzura agace gato kayo.

Ivyo bihugu vy'ibihangange mu bigwanisho vya "nucléaire" bimaze kugwana incuro zitatu kuva vyikukiye bikikura ku Bwongereza mu 1947, ariko imwe gusa niyo itaturutse ku kibazo ca Kashmir.

Ivyo bitero vyo mu kirere ku murongo ugabura Ubuhindi na Pakistani bibaye ivya mbere kuva inyuma y'ingwano yo mu 1971.

Bikurikiye igitero c'abagwanyi caheruka kugabwa muri Kashmir cahitanye abasirikare 40 b'Ubuhindi - kikaba cabaye ica mbere gitwaye abantu benshi mu myaka 30 irangiye hatanguye imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi bw'Ubuhindi muri Kashmir.

Umugwi w'abagwanyi baba mu gihugu ca Pakistani uvuga ko ariwo wagavye ico gitero.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Delhi, Soutik Biswas, avuga ko ikibazo gihanze Ubuhindi na Pakistani muri kino gihe ari ugushobora kwifata imbere yuko ibintu biyangara.

Hariko haraba iki ubu?

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru muri Pakistani bwasohoye munyuma burahanagura videwo yavugwa ko yerekana umwe mu badereva b'Ubuhindi Pakistani ivuga ko yafashe.

Muri iyo videwo uwo mudereva - yafutswe mu maso kandi afise amaraso mu maso - yavuze ko ari komanda Abhinandan.

Ifoto bivugwa ko ari iy'umudereva w'Ubuhindi yafashwe

Ahavuye isanamu, Pakistan Information Ministry

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Pakistani yarungitse videwo ivugwa ko ari iy'umudereva w'Ubuhindi yafashwe

Ubwo bushikiranganji bwarungitse ubutumwa ku rubuga hwaniro Twitter bw'ico buvuga ko ari ihanugwa ry'iyo ndege yo mu Buhindi.

Mu Buhindi, umuvugizi mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu, Raveesh Kumar yemeje ko babuze indege imwe hamwe n'umudereva wayo.

Yabandanije avuga ko indege y'Ubuhindi yakoroye indege y'ingwano ya Pakistani ko n'abasirikare bo ku butaka b'Ubuhindi bayibonye ikorokera ku ruhande rugenzugwa na Pakistani, ariko ico gihugu cahakanye ko ata ndege yaco yahanuwe.

Ibindi bitero vyo mu kirere vyakozwe

Ivyemezwa ko Pakistani yakoroye indege zibiri z'Ubuhindi vyasohotse haheze umwanya muto Islamabad ivuze ko indege zayo zashoboye kugema ico zahiga mu karere k'igihugu c'Ubuhindi.

Ubutegetsi bw'Ubuhindi bwo buvuga ko bwasubije inyuma indege z'igihugu ca Pakistani.

Asigura ivyabaye, umuvugizi w'igisirikare ca Pakistani Majoro Jenerali Ghafoor yavuze ko indege zariko zirondera kugaba ibitero mu bibanza bitandatu mu gihugu c'Ubuhindi ariko munyuma ntizaba zikirashe ku birindiro vya gisirikare.

Yagize ati: "Ntitwipfuza kuja mu ngwano."

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubuhindi n'amakungu Sushma Swaraj yavuze ko igihugu ciwe kigiye kuvyifatamwo rugabo kandi cigumye.

Mu nama yarimwo abashikiranganji b'imigenderanire n'amakungu b'ibihugu vy'Uburusiya n'Ubushinwa mu Bushinwa, yagize ati: "Ubuhindi ntibwipfuza ko ibintu biyangara."

Ibihugu vya Amerika, umuryango w'ibihugu vya Buraya hamwe n'Ubushinwa vyasavye ivyo bihugu kwigumya.