Perezida Trump wa Amerika atandukiriye Turkiya n'Ubuhindi mu ntambara y'ubudandaji

Perezida Donald Trump wa Amerika kumwe na Narendra Modi, umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump wa Amerika kumwe na Narendra Modi, umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitegura guhagarika amasezerano y'ukworoherezanya mu vy'ubudandaji n'igihugu c'Ubuhindi, mu mugambi wemerera ico gihugu kwinjiza ibidandazwa muri Amerika batarishe ikori.

Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko igihugu c'Ubuhindi kitashoboye kwereka Amerika ko ishobora kworoherezwa mu kwinjiza ibidandazwa mu masoko y'ico gihugu.

Amerika kandi itegura guhagarika amasezerano y'ukworoherezanya hagati yayo n'igihugu ca Turkiya, kuko ivuga ko kitakibikwiye.

Ico ni kimwe mu bikorwa vyo kugerageza guhagarika ico Amerika ibona ko ari imigirwa itabereye mu vy'ubudandaji.

Bwana Trump yarafashe ingingo yo kugabanya uruhombo mu vy'ubudandaji, akaba adasiba gusaba Ubuhindi gusubiramwo ivyerekeye amakori avuga ko ari ay'umurengera.

Mw'ikete yandikiye inama nshingamateka, Bwana Trump avuga ko Ubuhindi "butashoboye kwereka Amerika ingene izoronka uburenganzira bungana ku masoko yabwo".

Nico gituma yasavye abaserukira ibiro vya Amerika bijejwe ubudandaji gukura Ubuhindi mu mugambi wo kworoherezanya mu vy'ubudandaji.

Ukworoherezanya

Muri uwo mugambi wiswe Generalised System of Preferences (GSP) , "ibidandazwa bimwe bimwe birashobora kwinjizwa muri Amerika bitarishe ikori iyo igihugu kiri mu nzira y'amajambere gikurikije ibisabwa nk'uko vyateguwe n'inama nshingamateka".

Bimwe mu bisabwa, hariho gukingira ibikorwa nyabwenge vy'umuntu (intellectual property protection), hamwe n'uguha uburenganzira bungana bw'ukwinjiza ibidandazwa ku masoko.

Umushikiranganji w'ubudandaji w'Ubuhindi, Anup Wadhawan, avuga ko kuva mu mugambi GSP bizogira "ingaruka ntoya ku butunzi ku giciro c'imiliyoni 190 z'amadolari ku ruhande rw'Ubuhindi".

Avuga ati: " Imigenderanire yacu na Amerika mu vy'ubudandaji imeze neza. Ibiganiro vyerekeye ubudandaji ntibihagaze".

Umushikiranganji w'ubudandaji w'Ubuhindi, Anup Wadhawan, avuga ko ibiganiro vyerekeye ubudandaji bidahagaze

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'ubudandaji w'Ubuhindi, Anup Wadhawan, avuga ko ibiganiro vyerekeye ubudandaji bidahagaze

Amerika itegura gukura igihugu ca Turkiya muri uwo mugambi wayo wa GSP. Ivuga ko ico gihugu kitakibereye kuba muri uwo mugambi kubera "cateye imbere bihagije mu vy'ubutunzi".

Izo ngingo zirashobora kutaja mu ngiro imbere y'iminsi n'imiburiburi 60 uhereye umunsi bimenyesherejweko inama nshingamateka hamwe n'amaleta y'Ubuhindi na Turkiya.

Intambara y'urudandazwa

Iyo niyo ngingo iherutse gufatwa na leta y'Amerika kugira ikosore ivyo ifata nk'utunenge mu biraba imigenderanire y'ubudangaji ifitaniye n'ibindi bihugu.

Iyo ngingo yatumye intambara mu vy'ubudandaji hagati ya Amerika n'Ubushinwa yongerekana.

Ibiganiro birabandanya kugira ngo bashobore gutorera umuti ukwo kutumvikana gutuma izo mpande zompi zitoza amakori y'amamiliyoni y'amadolari ku bidandazwa biva muri buri gihugu.

Amerika kandi yarafashe ingingo yo gutoza amakori ku butare bwa fer na aluminium vyinjira mu gihugu bivuye hanze.

Mu mwaka uheze wa 2018, igihugu c'Ubuhindi caciye cihora mu kuduza amakori ku bidandazwa bitari bike.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko ayo masezerano yo kworoherezanya mu vy'ubudandaji yemerera igihugu c'Ubuhindi kwinjiza muri Amerika ibidandazwa biciye amamiliyoni 5.6 y'amadolari bitarishe ikori.

Iyo ngingo y'uguhagarika ayo masezerano ifashwe mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi, ariko yitegurira amatora y'uno mwaka.