Imyiyerekano muri Sudani: Itama mu mitwe hagati y'abasirikare mu myiyerekano i Khartoum

Abari mu myiyerekano i Khartoum

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igitigiri c'abari mu myiyerekano i Khartoum ciyongereye uko uminsi wegera imbere

Bamwe mu basirikare bagiye imbere bakingira abari mu myiyerekano mu gihe abajejwe umutekano babatera ivyuka bikoroza amarira bashaka kubashwiragiza, nk'uko bivugwa n'ababibonye.

Abasirikare bagerageje kwirukana imiduga yariko itera ivyuka bikoroza amarira, mw'ijoro rigira kabiri abari mu myiyerekano bagandagaje, basaba Prezida Omar al-Bashir gutanga imihoho.

Abari mu myiyerekano bahungiye mu bigo vy'igisirikare kirwanira mu mazi, nk'uko uwabibonye abivuga, mu gihe uruhagarara hagati y'abasirikare rwari rwose.

Bwana Bashir gushika ubu yaranse ivyo asabwa vy'uko yokinjura hagashingwa leta mfatakibanza.

Habaye iki mw'ijoro ryakeye?

Umwe mu bari mu myiyerekano yabariye ikiganiro ca BBC, Newsday, ko imiduka myinshi ka kamyonete yashitse ica itangura gutera ivyuka bikoroza amarira ku bihumbi vy'abantu bari bagandagaje ku murwa mukuru wa Sudani.

Yavuze ko mu ntango igisirikare ataho cari cegamiye ariko gica gitangura kwirukana abajejwe umutekano.

Ntibizwi abo bajejwe umutekano abo ari bo, ariko umwanditsi mukuru wa BBC ku bijanye na Afrika, Fergal Keane, yavuze ko hari amakuru yerekano ko barimwo abagize urwego rukomeye rw'iperereza NISS.

Uwo yavyiboneye yavuze ko abajejwe umutekano bagarutse ubugira kabiri kwirukana abo bantu, baca birukira mu kigo c'igirikare kirwanira mu mazi kubera hari ukurasa urutavanako.

Umuduga wa gisirikare uciye imbere y'abari mu myiyerekano imbere y'ibiro bikuru vy'abasirikare mu gitondo c'uno wa mbere.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuduga wa gisirikare uciye imbere y'abari mu myiyerekano imbere y'ibiro bikuru vy'abasirikare mu gitondo c'uno wa mbere.

Ali Ibrahim, umwe mu bagize ishirahamwe Sudanese Professionals Association (SPA), ryateguye iyo mwiyerekano, yabariye ibiro ntaramakuru EFE News ko imigwi y'abasirikare yarashe mu kirere kugira ibuze abajejwe umutekano gushwiragiza abagandagaje.

Hari amakuru ataremezwa avuga ko hari abahakomerekeye. Video yashizwe ku mbuga hwaniro yerekanye abari mu myiyerekano binyegeje inyuma y'impome, amasasu ariko aravuga.

Umwe mu batuye agace kari nko ku birometero 5 uvuye aho imyiyerekano ibera, yabariye ibiro ntaramakuru Reuters ko akamoto k'ivyuka bikoroza amarira kahumvikana.

Ahabera imyiyerekano muri Sudani

Iyo myiyerekano mu kugandagaza ibera imbere y'ibiro bikuru vy'igisirikare, kandi ibiro ntaramakuru Agence France-Presse bivuga ko ababibonye bavuga ko ubu igisirikare carungitse abasoda gukikuza iyo nyubakwa, banashira ibizibira amabarabara mu mabarabara ari hafi.

Ico igisirikare kigamije mu gukikuza abari mu myiyerekano ntikiramenyekana.

Umushikirangaji ajejwe kumenyesha amakuru, Hassan Ismail, yavuze ko abari mu myiyerekano imbere y'ibiro vy'igisirikare "bashwiragijwe bose" ngo kandi inzego zijejwe umutekano ziriko "zirakorera hamwe mu mwumvikano."