Perezida Bashir yavuye ku butegetsi bw'umugambwe utwara muri Sudani

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Sudani Omar al-Bashir, yashikirije uburongozi bw'umugambwe uri ku butegetsi, National Congress Party (NCP), icegera ciwe aherutse kugenwa, Ahmed Mohamed Haroun.
Amezi arenga abiri ararangiye abanyagihugu bari mu myiyerekano basaba Bwana Bashir gutanga imihoho, ariko akaba akinana.
Abantu n'imiburiburi 30 baramaze gusiga ubuzima muri iyo myiyerekano ibandanya n'aho yabujijwe na leta.
Umugambwe NCP uvuga ko Bwana Haroun asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vy'intambara imwagiriza muri Darfur ashobora kurongora uwo mugambwe gushika habaye inama nkuru.
Mu ndwi iheze Perezida Bashir yahinduye leta yiwe anatangaza ko igihugu kigiye kugengwa n'amategeko yo mu bihe bidasanzwe, aho igisirikare cahawe ububasha budasanzwe.
Ariko, umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi, Mubarak al-Fadil , yabwiye BBC ko iryo shikiriza ry'ubutegetsi ridashobora guhagarika imyiyerekano.






