Igipolisi ca Sudani kiregwa kurasa ku bantu bagandaye

Ahavuye isanamu, AFP
Imyiyerekano imaze igihe muri Sudani yahereye kw'iduzwa ry'ibiciro vy'imikate n'ibitoro, bitandukira gusaba ko perezida Omar al-Bashir gutanga imihoho.
Ikigo c'itangazamakuru Reuters gitangaza ko igipilisi ca Sudani carashe ku bantu bari bagandariye uwarasiwe mu myiyerekano mu murwa mukuru Khartoum.
Ico kinyamakuru kimenyesha ko cavuganye n'umuntu yemeza ko yabonye ko umwe mu bari muri iyo myiyerekano yari yaraye akomerekejwe n'urusasu rw'abajejwe umutekano, yitavye Imana mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu.
Reuters ivuga ko abantu bagera ku 2000 bari bagandagaje ku rugo rwiwe bagandaye mu karere ka Burri mu muji wa Khartoum.
Ni muri ako gace ka Burri nyene hari haraye harasiwe umuganga n'umwana ku munsi wa kane, abandi bantu icenda barakomereka.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Abari mu myiyerekano bari baraye bicaye hanze y'ibitaro mu muji wa Khartoum.
Abantu baharurwa mu bihumbi bari buzuye amabarabara ya Khartoum.
Amasanamu ya Video yerekana abantu baririmba basaba ko perezida Omar al-Bashir atanga imihoho.
Abenshi baramaze gutabwa muri yompi, abaharanira uburenganzira bw'abanyagihugu bavuga ko hamaze kwicwa abagera ku 40 muri iyo myiyerekano.










