Igihugu ca Zambia cahagaritse ikinyobwa congereza inguvu kirimwo 'Viagra'
Abategetsi b'igihugu ca Zambia babujije ikinyobwa congereza inguvu aho baboneye ko kirimwo umuti usanzwe uri mu bigize ibinini vyitwa Viagra bikoreshwa mu kuvura umuntu afise ingorane yo kubarukwa (impuissance).

Ahavuye isanamu, VT Freeze Frame
Mu mpera z'umwaka urangiye wa 2018, umunyagihugu wo muri Uganda yaridoze avuga ko yamaze amasaha atandatu yose yabarutswe inyuma y'uko yihereje ico kinyobwa citwa Power Natural High Energy Drink SX gisanzwe gikorerwa muri Zambia.
Abajejwe amagara y'abantu mu gihugu ca Uganda barakoze amatohoza baca basanga ico kinyobwa kirimwo umuti witwa Sildenafil Citrate usanzwe uri mu bigize ivyo binini vya Viagra.
Igihugu ca Zambia naco nyene cari camenyesheje ko cari gukora amatohoza.
Itangazo ryasohowe n'abategetsi ba Zambia rigasubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga riti:
"Ivyavuye mu matohoza yakozwe mu bihugu vya Zimbabwe na Afrika y'Epfo birasa n'ivyavuye mu nzu ipimirwamwo ko imfungurwa n'ibinyobwa bikwije ivya ngombwa (Foods and Drugs Laboratory), vyose bikerekana ko harimwo Sildenafil Citrate".
Ikompanyi Revin Zambia Limited isanzwe ihingura ico kinyobwa ntiragira ico ishikirije.
Mu kwezi kwa mbere uno mwaka wa 2019, Vikas Kapoor arongoye iyo kompanyi yari yabwiye BBC ko kuvyo yari azi, iyo nzoga yongereza inguvu, ata binini vyarimwo.










