Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Tuniziya yatanze imihoho kubera impfu z’inzoya 11
Umushikiranganji w'amagara y'abantu mu gihugu ca Tuniziya, Abderraouf Cherif, yatanze imihoho inyuma y'uko inzoya 11 zipfiriye ku bitaro biri ku mugwa mukuru.
Izo nzoya zose zapfuye hagati y'amatariki 7 na 8 z'uku kwezi kwa gatatu bivuye ku ndwara yitwa choc septique, indwara yo mu maraso, mu cumba c'aho bibarukira mu bitaro vya Rabta.
Umushikiranganji wa mbere, Youssef Chahed, avuga ko amatohoza yatanguye muri iryo vuriro rya leta ku bushobozi mu vy'ubuvuzi, imiti hamwe n'isuku.
Hari haciye amezi ane Bwana Cherif agenywe muri ayo mabanga y'umushikiranganji w'amagara y'abantu.
Riciye ku rubuga hwaniro rwa Facebook, ishirahamwe rijejwe kuvuza abana rimenyesha ko iyo ndwara yoba yavuye ku miti yo mu mitsi boba bateye inzo nzoya.
Iryo shirahamwe risaba abategetsi "gutanga umuco" kuri ivyo bintu, rikaniyamiriza "uburyo bubi abajejwe amagara y'abantu basanzwe bakoreramwo".
Igisata citaho amagara y'abantu mu gihugu ca Tuniziya cari kizwi ko kiri mu bisata vya mbere bikora neza muri Afrika y'uburaruko.
Ariko kuva perezida Zine El-Abidine Ben Ali yomowe ku butegetsi mu mwaka wa 2011, ico gisata caragize ingorane z'uburongozi n'iz'amahera, ziyongereye kw'ikena ry'imiti ryama ryibonekeza.