Amajana y'abantu muri Zimbabwe baramaze gufatirwa mu myiyerekano biyamiriza kuzimba kw'ibitoro

Umupolisi ariko arazibura ibarabara ryazibiye n'abigaragamvya muri Zimbabwe, itariki 14/01/2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abategura imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya leta muri Zimbabwe bagiriza igipolisi gukoresha inguvu z'ikirenga

Abategura ibikorwa vyo kwiyamiriza ingingo ya leta ya Zimbabwe yo kuduza igiciro c'ibitoro bavuga ko abantu amajana bamaze gufatirwa mu myiyerekano.

Iyo myiyerekano yo kwiyamiriza igiciro c'ibitoro imaze iminsi itatu, mu gihe ico giciro catumye ibiciro vy'ibindi bintu vya nkenerwa navyo bica biduga.

Abafashwe barimwo umupasitori azwi cane mu batavuga rumwe na leta, Evan Mawarire, abajejwe intwaro bakamwagiriza kugumura abantu.

Igipolisi ku murwa mukuru Harare cakoresheje ivyuka bikoroza amarira mu gushwiragiza abantu bari batonze imirongo barondera umukate.

Abatunganya iyo myiyerekano bavuga ko leta ya Zimbabwe iriko irakoresha inguvu z'ikirenga ku buryo bukabije.

Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rivuga ko abantu bashika kuri batanu bamaze kwicwa barashwe kuva kuwa mbere.

Imihora ya telefone ngendanwa hamwe na internet vyarugawe.