Leta ya Zimbabwe yemeye kwongera abakozi amahera yo kwifashisha kubera iduzwa ry'ibitoro

Umugabo ariko araturira ipine, mu gihe abigaragamvya batwaye n'ishavu bashwaye ibarabara i Harare itariki 14/01/2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abigaragamvya biyamiriza iduzwa ry'igiciro c'ibitoro, gituma n'ibindi vya nkenerwa biduga

Leta y'igihugu ca Zimbabwe yatangaje ko igiye kwongera amahera ku mushahara w'abakozi ba leta azobafasha kwisuganya kubera ukwiyongera kw'ibiciro.

Bazohabwa ingunga imwe y'amafaranga ari hagati ya gatanu na mirongo ibiri na gatatu kw'ijana vy'umushahara w'ukwezi kumwe.

Ibi bitangajwe ku munsi ugira kabiri w'imyiyerekano yo kwiyamiriza iduzwa ry'igiciro c'ibitoro, gica gituma n'ibiciro vy'ibindi bintu vyinshi biduga.

Igihe abigaragamvya baja mu mabarabara ku murwa mukuru Harare hamwe no mu muji ugira kabiri wa Bulawayo, igipolisi carashe ivyuka bikoroza amarira mu kubashwiragiza.

Abantu bariko barasahura iduka i Bulawayo kuwa mbere itariki 14/01/2019

Ahavuye isanamu, Empics

Insiguro y'isanamu, I Bulawayo havugwa ibikorwa vyo gusahura

Hari amakuru avuga yuko hariko haraba ugusahura mu muji wa Bulawayo, wiganjemwo abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF.

Bivugwa ko abajejwe intwaro bazibiye imihora y'imbuga hwaniro hamwe n'izindi mbuga za internet ziberako ibiganiro.

Abantu batari bake barishwe ejo ku wa mbere, mw'itana mu mitwe hagati y'abapolisi n'abari mu myiyerekano.