Abakandida mu matora yimirije bariko bagura amajwi muri RD Congo

Emmanuel Ramazani Shadary mu myiyamamazo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Emmanuel Ramazani Shadary umukandida ashigikiwe na Perezida Joseph Kabila

Mu gihe amatora y'umukuru w'igihugu yitezwe ku munsi wa Mungu muri Repubulika y'Intwaro ya Congo (RD Congo), ikibazo co kugura amajwi kiridogegwa.

Abantu baharugwa mu mirongo bari barindiriye inyuma y'inyubakwa y'umukenyezi wa mbere w'igihugu i Goma, babwiye abanyamakuru ko barindiriye guhabwa amahera inyuma yaho bamwe mu bashigikiye umukandida Emmanuel Ramazani Shadary bayaronkeye ku munsi wa mbere.

Abanyagihugu bagiye mu myiyamamazo yiwe mu mpera z'indwi bavuze ko baronse amadolari 30 ($30) umwumwe hamwe n'igitenge c'agaciro.

Bivugwa ko abakandida bose bariko baratanga amahera mu gihe bitabujijwe n'amategeko ya RD Congo, ariko abiyamamaza bagwanya ibiturire bavuga ko abazotora bari bakwiye kwisunga imigambi y'abanyepolitike, ntibahendwe n'ivyo babapfumbatisha.

Abitoreza kuba umukuru w'igihugu ca Kongo

  • Ari mw'idini ry'aba Kristu
  • Azwi nk'"umusirikare w'abanyagihugu" ku kuntu yatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila
  • Yakoreye ishirahamwe Exxon Mobil imyaka 20, aja mu zabukuru mu 2003 ari umuyobozi mukuru w'ibiro biri muri Ethiopia
  • Yatorewe kuba umushingamateka mu 2006 no mu 2011
  • Yatanguje umugambwe uharanira inyungu z'abanyagihugu n'iterambere (ECIDE) mu 2009"
  • Yavutse itariki 29/11/1960, I Kasongo mu buseruko bwa Kongo
  • Amaze igihe kinini akorana vya hafi na Prezida Kabila
  • Yabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu 2016
  • Yafatiwe ibihano n'ishirahamwe rya Buraya rimwagiriza guhohotera abantu bari mu myiyerekano
  • Bivugwa ko ari umuntu atagira ikinya, bimuviramwo gutazirwa Ndabishikana""