Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko Ubushinwa n'Uburusiya vyashize imbere imigambi yo kubohera Afrika mu madeni

Umuhango wo kwugurura icese ikigo ca gisirikare c'Ubushinwa muri Djibuti mu 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikigo gishasha ca gisirikare c'Ubushinwa cubatswe hafi y'ic'Amerika muri Djibouti kiri mu biteye impungenge Amerika ku nyungu zayo muri Africa

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko umugambi waco kuri Afrika ubu ugiye kuba uwo kurereka ibikorwa vy'Ubushinwa n'Uburusiya bigenda biriyongera muri uwo mugabane.

Ivyo vyashikirijwe n'umuhanuzi wa Amerika mu bijanye n'umutekano, John Bolton, aho yagirije ivyo bihugu vyombi kuba vyitwara nk'ibiri mu ruhigi muri Afrika.

Umugambi mushasha wa Amerika ku bijanye na Afrika uhagaze cane cane ku kurwanira kugira igihagararo ca mbere kw'isi.

Amerika ivuga ko gushora imitahe kwayo, ibikorwa vya gisirikare hamwe n'umutekano wayo bwite bigeramiwe n'ukwiyongera kw'inguvu z'Ubushinwa n'Uburusiya ku mugabe wa Afrika.

Umuhanuzi wa Amerika mu vy'umutekano, John Bolton, mu nama n'abamenyeshamakuru ku kirimba ca White House itariki 27/11/2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhanuzi wa Amerika mu vy'umutekano, John Bolton, yagiriza Ubushinwa n'Uburusiya kwitwara nk'ibiri mu ruhigi muri Afrika

Nk'akarorero, muri Djibouti, Ubushinwa bwashinzeyo ikigo ca gisirikare hafi y'ica Amerika kandi bukaba butegekanya kuhashira ikivuko gikomeye.

Umuhanuzi wa Amerika mu vy'umutekano, John Bolton, yavuze ko imfashanyo ya Amerika ubu izokoreshwa mu guhangana n'abakeba.

Asaba kandi ko haba ibikorwa bifadika bizotanga inyishu zigaragara kandi vuba.

Imigambi izohahombera irimwo ibikorwa vyo guhagararira amahoro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Amerika ivuga ko ata kamaro kagaragara bishikako.