Amerika isaba ibihugu vya Afrika kuvavanura na Korea ya Ruguru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubutegetsi bwa Amerika bwamenyesheje ko amajambo Prezida Donald Trump aheruka gushikiriza, atazohagarika utwigoro twa Amerika two kugondoza ibihugu vya Afrika ngo bihagarike imigenderanire na Korea ya Ruguru.
"Dufise imigenderanire ikomeye n'uwo mugabane," niko Robert Scott, ajejwe ibibazo vya Afrika yavuze.
"Iyo nayo ntihinduka"
Ayo majambo yayashikirije mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku buryo bwa "téléconférence" aho yerekana ingene Amerika yiyemeje gukora ukwo ishoboye kugira ngo Korea ya Ruguru ntihagire ihera na rimwe ikura muri Afrika yokoresha mu mugambi wayo wa "nucléaire".
Ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ku munsi wa gatatu ko buriko burasaba bushimitse ibihughu vya Afrika guhagarika imigenderanire ya gisirikare n'iy'ubudandaji na Korea ya Ruguru.
"Leta nyinshi zo ku mugabane zifise imigenderanire na Korea ya Ruguru kuva kera, bigakenegwa ko tubisubiramwo," niko Bwana Scott yavuze.
Bwana Scott ntiyadomye urutoke ivyo bihugu vya Afrika vyoba bigikorana ubudandaji na Korea ya Ruguru, bija kubiri n'ibihano mpuzamakungu.
Mu cegeranyo ca Onu cagiye ahabona mu kwezi kw'icenda, abahinga ba Onu badomyeko urutoke ibihugu vya Tanzaniya, Uganda n'ibindi bihugu icenda vya Afrika.
Umugwi wa Onu uriko wihweza ibivugwa ko Tanzaniya na Korea ya Ruguru bagiranye amasezerano ya gisirikare na Korea ya Ruguru y'imiliyoni 12.5 z'amadolari.
Abahinga ba Onu bariko baratohoza kandi ko Korea ya Ruguru yoba iha ikarishabwenge igisirikare hamwe n'igipolisi ca Uganda.
Mw'ijambo yashikirije mw'ikoraniro ry'abanyamuryango ba Onu mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze, Prezida Yoweri Museveni yavuze ko Uganda yubahiriza ibihano vyashizwe kuri Korea ya Ruguru.
"Ariko turashima ko muri kahise, abanya Korea ya Ruguru badufashije kwubaka inteko zikoresha ibiduga vy'ingwano," niko Bwana Museveni yabandanije avuga.










