Umukuru w'umugambwe UDPS utavuga rumwe na leta ya Kongo, Felix Tshisekedi, yasiguye icatumye areka gushigikira Fayulu

Felix Tshisekedi, umukuru w'umugambwe UDPS utavuga rumwe na leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo, yasiguye icatumye ahagarika gushigikira umukandida Martin Fayulu yari yumvikanyweko.

Abanyepolitike indwi batavuga rumwe na leta ya Kongo bari bahuriye i Geneve muri Swisse mu mpera z'indwi iheze, mu ntumbero yo guhitamwo umukandida umwe.

Ku munsi wa Mungi, bahurije ku mushingamateka akaba n'umugwizatunga, Martin Fayulu, ngo abe ariwe azobaserukira mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza.

Ico gihe bose uko ari ndwi, bashize umukono ku masezerano yo gushigikira bwana Fayulu, baca baranabitangaza.

Ariko haciye amasaha 24 gusa, umugambwe UDPS waciye utangaza ko uhaye ikiringo c'amasaha make umukuru wawo bwana Tshisekedi, ngo abe yikuye muri ayo masezerano.

Felix Tshisekedi ntiyatevye kugamburuka, aca amenyesha ko atakiri mu masezerano ya Geneve, kandi ko atagishigikiye umukandida Martin Fayulu.

Ibi bibaye mu gihe hasigaye ukwezi kurenga gato ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu muri Kongo, kandi hakaba hakiri n'izindi ngingo abatavuga rumwe na leta badashima, nk'imashini izokoreshwa mu gutora bavuga ko igomba guhebwa.