Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abahoze muri FDLR begeranirijwe i Kisangani bariyamiriza ministre Lambert Mende aheruka kubita "abicanyi"
Abahoze mu mugwi w'abarwanyi urwanya leta y'u Rwanda, FDLR, begeranirijwe mu nkambi i Kisangani muri Kongo bariyamiriza amajambo y'umushikiranji wa Kongo, Lambert Mende.
Mu kiganiro aheruka guha BBC Gahuzamiryanyo, umushikiraganji ajejwe kumenyasha amakuru wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Lambert Mende, yavuze ko abo bantu ata burenganzira bafise muri Kongo.
Bwana Mende yavuze kandi ko bavuye mu Rwanda bakoze ubwicanyi, baza kubandaniriza kubukora muri Kongo ngo kandi amabi yose amaze imyaka irenga 20 abera mu buseruko bwa Kongo bayafisemwo uruhagara (Umviriza ngaha ivyo umushikiranganji Mende yabwiye BBC).
Faustin Mugisha, umuvugizi w'abegeranirijwe mu nkamba ya Bahuma ahakana ivyo bwana Mende abagiriza, akavuga kandi ko bemewe n'amategeko.
Yanavuze kandi ko badashobora kudahuka mu Rwanda ngo kuko bumva yuko umutekano wabo utokwubahirizwa.