Afrika y'epfo igiye kworohereza abanyeshure b'abigeme kuronka udutambara bakoresha mu butinyanka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji mushasha w'ikigega ca reta muri Afrika y'epfo Tito Mboweni yemeye kwongereza amahera yotuma abanyeshure b'abigeme baronka udutambara bakoresha mu butinyanka.
Haheze igihe hari abantu babisaba mu gihe hari imyidogo ko abigeme - cane cane b'abakene bo mu gihugu hagati - baheba amashure kubera udutambara bakoresha mu butinyanka tuzimvye.
Mu ntara zimwe zimwe, utwo dutambara badutangira ubuntu ku banyeshure bose b'abigeme.
Mu nama nshingamateka, yamenyesheje kandi ko kuva mu kwezi kwa kane kw'umwaka uza, ibice 15% vy'amakori yo ku dutambara dukoreshwa mu butinyanka azovanwaho.
Yavuze kandi ko ifarini yo gukora imikate n'amagato na yo nyene izokurwako ikori, agasigura ko yabajije abamukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi ivyiyumviro vyabo imbere yo gushikiriza ijambo:
"Yose hamwe naronse ama Twitt 3.299. Imwe muri izo ni iya Tinti Ngwenya w'i Johannesburg avuga:'Udutambara two mu butinyanka dukwiye gukurwako amakori - inyuma yo kubiganira no guhanuza, kuva itariki imwe z'ukwezi kwa kane mu 2019, reta ntizotangisha amakori ku bintu bikurikira: Ica mbere, udutambara two mu butinyanka. Ica kabiri, ifarini yo gukora imikate. Ica gatatu, ifarini yo gukora ikeke."
Mboweni amaze indwi zibiri gusa muri ico kibanza, yanavuze uko ubutunzi bwa Afrika y'epfo bwifashe mu gice kigira kabiri c'umwaka.

Ahavuye isanamu, AFP
Yavuze ko igihugu kidashobora kubandanya kugurana kandi gitegerezwa kugabanya amadeni gifise, vyitezwe ko ashobora gushika kuri 60% mu myaka itanu iri imbere.
Yavuze ko amahera abakozi bahembwa arengako imiriyaridi 30 y'ama rand (imiriyaridi 2 z'amadolari) ku yategekanijwe na reta.
Mborewi yagumye asubiramwo ivyerekeye akaranda k'igiturire, anavuga ko abo basanze barakoze ico caha bategerezwa gupfungwa.











