Udukingirizo tubomvye twakozwe kugira hagabanuke iyandukizwa ry'ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga bavuga ko batoye inzira yo gukora udukingirizo tuguma tubomvye utwambaye.
N'ukubera uko dukozwe bituma tuguma tubomvye igihe hariko haraba amabanga y'abubatse, nk'uko bivugwa n'umugwi ufashwe mu mugongo nishirahamwe rya Bill na Melinda Gates.
Biteze ko utwo dukingirizo tuzokundwa gose gutyo dufashe mu kugabanya iyandukizwa ry'ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka hamwe no kwirinda imbanyi.
Ukunyerera gukwiye ni nkenerwa mu kurangura amabanga y'abubatse, kudahari, abariko bararangura amabanga y'abubatse barababara mbere rimwe na rimwe agakingirizo karatoboka canke kakavamwo.
Gakoreshejwe neza, agakingirizo karafasha mu nzira yo kuvyara ku rugero, ariko si abantu bose bagakunda.
Udukingirizo twongererejwe ukunyerera turafasha iyo turiko turakoreshwa ariko rimwe na rimwe ivyo vyonyene ntibikwiye.
Abantu bashobora gukoresha ibintu binyerera cane bituma agakingirizo kaguma kabomvye bigurishwa mu maduka, ariko bisaba ko umuntu aguma yongerako, bigatuma uwuriko ararangura amabanga y'abubatse ayakora nabi nabi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga bavuga ko ako gakingirizo kaguma kabomvye gashobora gutorera inyishu ico kibazo.
Karashobora gukoreshwa kakaguma kanyerera gushika ico gikorwa kirangire nk'uko vyandikwa mu kinyamakuru c'abahinga ca Royal Society Open.
Igihe twageragezwa, udukingirizo dusanzwe twasizwe ibituma tubomba tukananyerera vyaguzwe mw'iduka, twari tworoshe igihe twariko turakoreshwa, ariko tugenda turagabanya ukunyerera igihe twariko turakoreshwa.
Abantu bitanze ku giti cabo basabwe gukorako no kwerekana udukingirizo tworoshe kwambara n'ingene tunyerera.

Amakosa asanzwe akorwa n'abakoresha udukingirizo
- Ibintu vy'amavuta harimwo n'ayo bisiga mu ntoke aronona agakingirizo, ari co gituma ari kureka kuyakoresha.
- Ntukoreshe agakingirizo incuro irenze imwe.
- N'ukwitaho ingene ubika udukingirizo twawe kubera ko dushobora kwononekara n'ingoga, na cane cane udushize mu mufuko canke isakoshi.
- Raba itariki udukingirizo tuzotera agaciro
- Uriko urambara agakingirizo, ni ngombwa ko ufyonda impera kugira ukuremwo ipepu, utabigize gashobora gutabuka.

Muri abo bantu bitanze ku bushake mu kugerageza utwo dukingirizo, abagabo n'abagore 33 barashimishijwe cane n'utwo dukingirizo tuguma tubomvye.
Abagira ubushakashatsi bavuga ko ubushakashatsi bukenewe mu kugereranya utwo dukingirizo twiyorosha n'utundi dukingirizo kugira hamenyekane utumeze neza.
Ubu ikompanyi imwe yo muri kaminuza itegekanya gukora utwo dukingirizo kugira tugurishwe kw'isoko igihe yoba ihawe uburenganzira.










