Akamo/Impuruza ku bakoresha akanwa mu mibonano mpuzabitsina.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingwara ya blennorragie ishobora no kwandurira mu kanwa kubahakoresha imibonano mpuzabitsina, imaze kugaragaza ko itumva imiti myinshi yo mu bwoko bwa antibiotics.
Abahinga abavuga ko uburyo iyo ngwara ya Blennorragie ikomeje gukwiragira no kurinda imiti butanguye gutera ubwoba.
Abaharugwa mu miyoroni 78 nibo bandura iyo ngwara buri mwaka, kandi ishobora gutera ubugunba.
OMS imenyesha ko ingwara ya blennorragie itumva imiti iboneka mu bihugu 77 kw'isi.
Muganga Teodora Wi wo muri iryo shirahamwe avuga ko hari ubwandu bwa Blennorragie bwagaragaye ko butacumva umuti n'umwe, mu bihugu vy'Ubufaransa, Ubuyapani na Espagne.
Avuga ko umugera wa Blennorragie uzi ubwenge cane ku buryo iyo habonetse umuti mushasha uwuvura nawo uca wihindura imero.
Igiteye ubwoba n'uko iyo ngwara igwiriye mu bihugu bikenye aho binagoye kuruta, kumenya ko hari iyo migera itumva imiti.
Ikindi kandi ngo n'uko ibimaze kumenyekana bishobora kuba ari bito cane ugereranije n'uko ibintu vyifashe kw'isi.










