Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mbappe yateturuye umugwi w'Ubufaransa yatumye budatsindwa na Islande
Umusatirizi Kylian Mbappe yinjiye asubirira uwasohotse niwe yatumye umugwi w'Ubufaransa uva inyuma ukanganya na Islande 2-2 mu minota ya nyuma, asubiza agateka umugwi uheruka gutwara igikombe c'isi.
Urukino rwari ku bitsindo 2-0 gushika ku munota wa 86, igihe Mbappe atumye umukinyi wa Islande Eyjolfsson yinjiza iwabo, Ubufaransa buba buronse igitsindo ca mbere.
Ku munota wa 90, uwo mukinyi w'imyaka 19 yinjije umunyezamu wa Islande igitsindo ca penaliti.
Ibitsindo bibiri vya Islande vyinjijwe na Birkir Bjarnason hamwe na Kari Arnason.
Uwo mugwi wakinira ku kibuga c'Ubufaransa nturigera utsinda mu nkino icenda uherutse gukina, ukaba waratsinzwe vy'agashinyaguro n'Ubuswisi hamwe n'Ububiligi mw'ihiganwa ry'ibihugu mu kwezi kw'icenda.
Watsinzwe n'Ubufaransa 5-2 igihe baheruka guhura mw'ihiganwa ry'igikombe ca Buraya mu 2016.
Urukino rwo ku munsi wa kane rwahindutse kuva ku munota wa 60 igihe Mbappe yinjiriye, Ubufaransa bukaba bukwije inkino 13 zikurikirana budatsinzwe.