Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Chloride Exide: Igituma aba bagabo bambaye nk'abapfasoni
Uravye izi foto wokwibaza ko uriko uraraba abanya mideli, canke ko ari abapfasoni bari kuri kuri iyi foto.
Ariko abo bose ni abagabo, kandi si abanya mideli. Ni abakozi b'ikompanyi imwe muri Kenya bafashe ingingo yo kwambara nk'abapfasoni ku kazi nk'inzira guhimiriza abantu kwitaho ibibazo vy'amagara meza ku bapfasoni, na cane cane kuri cancer, mu gihe ukwezi kwa cumi kugenewe guhimiriza abantu kugwanya cancer yo mu mabere.
Amafoto yabo yarakwiragiye henshi ku mbuga ngurukanabumenyi muri Kenya, benshi babashimira abandi babanebagura ku ngingo bafashe.
Ababikoze ni abakozi b'abagabo barongoye ibisata bitandukanye muri iyo kompanyi, harimwo n'umutegetsi wabo mukuru Guy Jack.
Uwuraba ibikorwa vyo gufasha abakiriya Stella Kamau yabwiye BBC ko iciyumviro c'uko abagabo bokwambara nk'abapfasoni ku kazi cavuye muri imwe mu nama zakozwe zihweza ingene indwi yahariwe abakiriya yogenda, uyu mwaka ikaba yabaye kuva ku musi wa mbere gushika ku gatanu muri iyi ndwi.
Ico ciyumviro catanguye kuvugwa mu ntango z'ukwezi kw'icenda, haca hatangura akazi ko kwumvisha abagabo kubikora.
Kamau avuga ati:"Benshi bavuze 'Ntibishoboka'. Bibaza ingene abapfasoni babo n'abana bobabona. Nka bose bari bafise amakenga."
Ariko uko umwanya ugenda, nka bose baremeye ico ciyumviro.
Hasigara gutegura no kugena umusi bizoberako.
Impuzu zavuye hehe? Abakozi b'abapfasoni ni bo babahaye izo mpuzu, ibirato n'amasakoshi y'abapfasoni.
Akabati kari kuzuye impuzu z'ubwoko bwose.
Abo bagabo baje ku kazi bambaye impuzu zabo zisanzwe, hanyuma barahindura bambara izo abapfasoni. Barisize barasokozwa na bagenzi babo b'abapfasoni kugira base neza kandi baberwe.
Kamau avuga ko ivyo biheze agatwengo n'umunezero ari vyo vyari vyuzuye mu biro.
Yavuze ati:"Yabaye indwi ihariwe abakiriya hamwe n'ingene abandi babona tworushirizaho gufasha abakiriya bacu, ni vyiza rero ko ku kazi haba ahantu hari umunezero, abakozi bama banezerewe."
Ivyo vyamaze amasaha menshi, ariko kuri bamwe ngo ntivyari kugenda neza cane batambaye impuzu basanzwe bambara, bakaba rero baciye bahindura inyuma y'umwanya utari muto.
Ariko hari n'abandi bavyishimiye cane baguma bambaye gutyo umwanya muremure.
N'aho ibirori nyamukuru vyabereye ku cicaro gikuru c'iyo kompanyi, i Nairobi, n'abakozi bo mu yandi mashami barimwo.
Kamau avuga ati:"Mu biro ejo hari heza cane. Ahubwo dufise n'iciyumviro co gutanguza umugwi wo wo kunezereza abantu uzoza urazana ivyiyumviro vyihariye vyo kunezereza abandi."
Ikompanyi ya Chloride Exide n'igisata c'ishirahamwe rinini rya Associated Battery Manufacturers (ABM), ifise amashami muri Kenya, Uganda, Tanzania na Zambia, ikaba ifise n'ibindi bisata basangiye ivyerekeye ivyuma bitanga umuriro uvuye ku mishwarara y'izuba nka Solinc, n'ikompanyi ikora palastike ya Precision Plastics. Abakozi b'izo kompanyi zose muri kenya barimwo.
Hanyuma abapfasonii na bo bambaye nk'abagabo bakaja ku kazi vyogenda gute?
Kamau yishura avuga ati:"Ivyo ntivyoryoha nk'abagabo bambaye nk'abapfasoni. Knsi intumbero yacu si kwambara gusa hamwe n'uburinganire, n'uguhimiriza abantu ivyerekeye ingorane z'ingwara zifata abapfasoni."
Abantu babivugako iki?
Irene Muriuki, umwe mubashikirije ivyiyumvira aracokoza avuga kuri uyu ari ngaha musi:"N'umukobwa umuntu wese yokwipfuza ko bakundana... asa neza kandi ni umukenyezi abushitse ...mubwire ibibazo vyawe vyose uraronka impanuro zikwiye."
Ni we w'uyu kandi
Aba ni Guy Jack n'uwujejwe ubutunzi muri iyo kompanyi Charles Ngare.
Fuchaka Edel yanditse ati:"Inzira nziza yo gufata mu mugongo abapfasoni. Ndabemereye y'uko umwanya uwo ari wo wose nzoba nkeneye ibateri y'imodoka, nzokwibuka aba ba 'slayquees'"
Min LC avuga ko uwazanye ico ciyumviro akwiye kwongererezwa umushahara.
Brenda Nekesa Muliro yavuze ati:"Indwi yanje ntiyariko iragenda neza gushika mbonye ibi. Biratwengeje cane kandi ndabashimiye cane kuba mwambaye ibirato vy'abapfasoni.
"Urya mupfasoni yambaye ikintu cirabura mu mutwe n'ibirato birebire vyirabura araberewe cane."
Hodiah Hourldar Chepchirchir:"Mbega umusi mwiza. Ngo nzogura ibeteri n'aho ntagira imodoka."