Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abapfasoni 100: Abapfasoni b'abarimyi boba bariko baratera imbere cane?
"Dufise ibisunzu vyinshi, dukeneye gusa abagura," ni ko Rosalina Ballesteros avuga.
I Montes de Maria, akarere karimwo imisozi myinshi mu buraruko bwa Colombioa aho aba kandi akora, bafise umwimbu udasanzwe uyu mwaka- ariko abaguzi ni bake, ibisunzu na vyo biriko birabora.
Abahaba ubu bateye akamo ko gufashwa- babicishije kuri YouTube.
"Twipfuza kubararika kuza kugura ibisunzu, munadufashe," ni ko uwo murimyi avuga muri video y'amasegunda 40 yakwiragijwe hose muri Colombia.
"Ibisunzu biravura ingwara zo mu ngingo, kugumirwa hamwe no guca imvyaro," mugenzi we w'umupfasoni ni na we yavuze kuri You Tube, avugana akamwemwe kenshi arondera isoko ry'umwimbu wabo.
Umurimyi w'umupfasoni Ainagul Abdrakhmanova w'imyaka 32, afise abana batanu, yasavye kandi imfashanyo ariko ku ruhande rwiwe ku bapfasoni bari mu mugwi utishoboyer bo mu kigwati kiri kure mu misozi hagati muri Kyrgystan.
"Baramfashije mu guteragira hamwe no gushiraho uburyo bwo kuvomera," ni ko umupfasoni Abdrakhmasnova yavuze, ubu akaba ariko aratera inyanya, ikaroti na konkombre, kandi bari bamubwiye ko bitopfa bimeze mu murima wiwe.
Abapfasoni 100 n'iki?
Abapfasoni 100 ba BBC ni amazina 100 y'abapfasoni b'akarorero hirya no hino kw'isi ashirwa ahabona buri mwaka. Mu 2017, dufise intumbero yo gutuza zimwe mu ngorane zihanganye n'abapfasoni ubu- gusika ku ntera yo hejuru, ubumenyi ku mupfasoni, gukubagurwa mu bantu hamwe n'ikumirwa mu nkino.
Mudufashije, hazoboneka inyishu kandi twipfuza ko mugiramwo uruhara mu kuduha ivyiyumviro. Turabe kuri Facebook na Twitter kandi ukoreshe #Abapfasoni100
Hagati aho mu buraruko bwa Laos, umupfasoni Vieng ubu abayeho mu kurima ibizinu i Luang Prabang.
Umuryango wiwe ufise kamere ko kwegeranya ibizinu vyo gufungura ariko nta co bazi kinini kuvyerekeye kubirima.
Ivyo ni ko vyari bimeze gushika umupfasoni Vieng hamwe n'abandi bari kumwe baronswa amahugurwa n'uburyo bwo kurima ibizinu ubu bagurisha mw'isoko ryo mu ntara.
Mu mirima-no mu bindi bihugu- kure cane, aba bapfasoni ni benshi cane - igitigiri c'abapfasoni b'abarimyi kigenda congerekana.
Ugereranije, abapfasoni bafise ibice 43% vy'abarimyi mu bihugu biri mu nzira y'amajambere kandi mu bihugu birenga mirongo ibiri, abahinga bagiye babona "uburimyi bwizizirwa n'abapfasoni gusa".
Hari "ivyemeza bimaze kwegeranywa" ko uburimyi buriko burakorwa n'abapfasoni, nk'uko biri mu cegeranyo c'ishami rya Onu rijejwe imfungurwa kwisi FAO co mu 2016, hamwe kubera abagabo bahevye ako kazi canke abapfasoni bakora ibikorwa bitandukanye muri ico gisata.
"Mu bihugu vyose biri mu nzira y'amajambere, biragaragara ko uruhara rw'umupfasoni n'igitigiri kinini mu burimyi bigenda vyiyongera", bivugwa na Libor Stloukal, ajejwe politike mu gisata c'ubutunzi n'imibano muri FAO.
Kimwe ca kane c'abapfasoni bakora ibikorwa vyo kwiteza imbere, bari mu burimyi mu 2015, nk'uko ibiharuro vyo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ry'abakozi rivyerekana.
Ariko kandi ibiharuro rusangi ntivyerekana uko hari ubusumbasumbane mu turere dutandukanye.
Nko mu gihe uburimyi ari bwo soko y'akazi mu bantu benshi bafise amikoro make, ivyo vyaragabanutse cane mu bihugu biteye imbere haba ku bagabo canke ku bagore aho bose bakora mu mahinguriro no mu bundi buzi.
None ni hehe uburimyi bwiziziwe n'abapfasoni?
Ivyo bigaragara cane muri Afrika ya ruguru, aho ibitigiri vy'abapfasoni mu burimyi vyaduze kuva ku bice 30% gushika ku bice 43% hagati ya 1980 na 2010 (mu matohoza yabaye), co kimwe mu buseruko, aho vyavuye ku bice 35% gushika kuri 48%.
Ukwiyongera kw'abapfasoni kwariyongereye cane mu buseruko no mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Asia co kimwe no muri Amerika y'epfo.
Mu gihe mu karere ko mu bumaanuko bwa Sahara muri Afrika ibiharuro bitigeze bihinduka bigaragara mu myaka irenga mirongo itatu, vyararenze ibice 60% mu bihugu nka Lesotho, Sierra Leone na Mozambique.
Abahinga babona ko igisata c'uburimyi muri ako karere kiriko kirajamwo abapfasoni gusa.
Umuzigo w'abagabo bimukira ahandi
Igitigiri kinini ciyongera c'abapfasoni mu burimyi gishobora kuba ikintu ciza.
Bamwe bazovamwo abakora uburimyi nk'akazi canke kabafasha kubaho, kukoamahera aronse afasha mu muryango no mu mibano.
Ariko kandi kuba uburimyi bwiziziwe n'abapfasoni ntibisigura ko umupfasoni aca ashobora kwibeshaho bikwiye.
Kimwe mu bituma abapfasoni biyongera muri ico gisata, ni abagabo bimukira ahandi.
"Abagabo bakiri bato barimukira cane mu gisagara gusumba abapfasoni," ni ko Stloukal.
"Iyongerekana ry'abapfasoni mu burimyi riterwa n'amatongo abantu bavuyemwo, aho ubuzi bwinshi butanga amahera ku bagabo buri mu mahinguriro, mu buzi bwa reta co kimwe no mu migwi igwana, ivyo rero bikagira ingaruka ku gitigiri c'abagabo."
Ivyo bituma abapfasoni basigaye muhira bongereza amasaha yo gukora mu gusubiriza ayo abagabo bataye, ni ko umuhinga avuga.