Melania Trump ntiyokwitaho gusa abavyeyi n'abana, "akwiye kuba ambasaderi wa Ghana mu vy'imideli"

Melania Trump

Ahavuye isanamu, GALLO IMAGES

Insiguro y'isanamu, Melania Trump ari mu rugendo muri Ghana, Malawi, Kenya na Misiri

Mu rukurikirane rw'amakete ava mu banditsi bo ku mugabane wa Afrika, umumenyeshamakuru wo muri Ghana Elizabeth Ohene avuga ku rugendo rw'umupfasoni wa mbere wa Amerika Melania Trump kuri uwo mugabane.

Niwe mugore wa mbere mu baba ubu ku kirimba c'umukuru w'igihugu White House, ahonyoje ikirenge muri Afrika.

Sinzi ingene prezida wa Amerika yokwakigwa igihe yoba avuze ko agiye kuja muri Ghana, Malawi, Kenya na Misiri muri ino ndwi.

Muri Ghana, ari naho ha mbere Madamu Melania Trump atangurira mu rugendo rw'ibihugu bine ategekanya, nta cuka gishingiye kuri Trump kihaboneka.

Mw'itohoza nakoze naho ata buhinga bwarimwo, ryerekana ko ata bantu benshi bazi izina ry'umupfasoni wa mbere wa Amerika.

Melania Trump aje gukora iki muri Afrika?

Melania Trump aje gutemberera ibihugu vya Ghana, Malawi, Kenya na Misiri mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika, ari narwo rwa mbere akoze ari wenyene kuva igihe abereye umupfasoni wa mbere.

"Ndaryohewe kwiyigisha ingorane zihanze abana ku mugabane, no kwiga imico n'amateka yawo," niko Madamu Trump yavuze mw'itangazo ribura urugendo rwiwe.

Madamu Melania Trump
Insiguro y'isanamu, Madamu Trump avuga ko aje ngo amenye ingorane ziri mu bana no kwiga imico n'amateka ya Afrika

Muvyo ashira imbere ni ukwitaho abavyeyi hamwe n'impinja mu bitaro, indero y'abana, nkuko vyamenyeshejwe n'ibiro White House.

Si benshi bahurumbiye urwo rugendo rwa Madamu Trump, nkuko biva mu bamenyeshamakuru bazindukiye mu mabarabara ya Accra, Nairobi na Cairo:

'Sintegera ingene leta hamwe n'ibiro White House batoye ibihugu bine Madamu Trump atemberera.'

'Vyaroroha kuvuga ariko kino gihe biragoye kumenya ibihugu abanyamerika bafata bwa bigenzi. Uza wumva bakwita amazina munyuma bakakugwa mu nda nk'umuntu mwiza n'umugenzi.'

'Leta irakunda kuvuga ibijanye n'ubwisanzure mu gushikiriza ijambo hamwe n'amatora yisanzuye kandi y'ukuri mu kurondera igihugu kija ku rutonde rw'ibihugu bigenzi. Muri ino minsi ntumenya ivyo baraba."

'Biratandukanye cane no mu 2009, igihe Barack Obama yagira urugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika ari umukuru w'igihugu, aherekejwe na Michelle. Ntitwategera ingene Ghana yatewe iryo teka.

Ndibuka ko nandikiye bavyara bacu bo muri Nigeria na Kenya, ko ba Obama babibagiye.'

Abambaye impuzu zishushanijeko Obama

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igihe Obama yatemberera Ghana, abantu benshi baravyiginye

Uno munsi sinibaza ko hari intara y'amatora ya hano muri Ghana iriko iricamwo kubiri, ngwije ku rutonde rw'izo Madamu Trump agendera.

Ariko nibaza ko ata ngorane kubona atakiranywe igishika n'abanya Ghana.

Abanya Ghana barakunda ivyo vyose vyitwa ko ari ivya Amerika, ushobora kubibona iyo wihweje ingene baja ku mirongo barondera uruhusha rwo kwinjira muri Amerika (visa) ku ma ambasade, canke uravye igitigiri c'abarondera kwigana ururimi rw'abanyamerika batarigera bahahonyoza ikirenge.

Dufata ko Ghana kikiri igihugu kigenzi ca Amerika , naho tutazi ico kwitwa umugenzi wa Amerika biturukako.

Nubu turazi ko naho ari mu gihe c'intwaro ya Trump, abapfasoni ba mbere baza bafise utuganuke - kandi utwo tuganuke tutwakirana igishika naho Ghana ishitse ku rugero itipfuza imfashanyo.

Urugendo rw'umupfasoni wa mbere rwarangiye nabi

Igihe umupfasoni wa mbere wa Amerika yaheruka kwizanana muri Ghana ni mu kwezi kwa mbere mu 2006, yahisemwo Ghana ngo atanguze ibitabo n'ibikoresho vyo gufasha kwigisha kugira ngo afashe mu gisata ca kaminuza.

Nari umushikiranganji w'indero ico gihe, ndibuka ko twashoboye kumugondoza tumwumvisha we n'abo bagendanye ko kutuzanira ibitabo bivuye muri Amerika ngo dukoreshe muri kaminuza zacu, atariyo nyishu nziza.

Munyuma twarahawe imfashanyo yo kwandika no gusohora ibitabo vyacu, bigenewe abana bagitangura gushika mu mwaka wa kane w'amashuli y'intango.

Mu gihe yigiye ivy'ibitabo, umupfasoni wa mbere Laura Bush yarashimye porogaramu yacu n'ico urugendo rwiwe rwamaze.

Elizabeth Ohene:

Elizabeth Ohene

Ahavuye isanamu, ELIZABETH OHENE

Insiguro y'isanamu, Elizabeth Ohene yizeye ko Madamu Trump ashima bimwe mu bikoregwa muri Ghana

Mu gihe tukiri kuri ivyo, nciye nibuka umupfasoni wa mbere wa Amerika yaje ubwa mbere muri Ghana, urugendo rwiwe rurangira nabi.

Ntaho urugendo rwubu rusa n'urugendo rw'umupfasoni wa mbere Pat Nixon, yaje mu ntango y'umwaka w'i 1972, agenda abantu benshi bamukunze cane.

Yaragendeye inama nshingamateka ari kumwe na Naa Morkor, umukenyezi w'umusjhikiranganji wa mbere Kofi Busia, arashimira Ghana ku nyifato y'igihugu ku bijanye na demokarasi, amafoto menshi arafatwa, munyuma umupfasoni wa mbere wa Amerika araherekezwa mu buryo bushimishije cane.

Inyuma y'iminsi ibiri, umukoloneli yitwa Ignatius Acheampong atembagaza ubutegetsi, leta yari yatowe hakurikijwe ibwirizwa shingiro irakugwa.

Ikigo ca Amerika kijejwe amakuru caraguye mu gahundwe mu kubona gifise amafoto meza cane kitazigera gikoresha.

Abantu bose bari kumwe n'umupfasoni wa mbere Pat Nixon bari batawe muri yompi, abandi binyegeje, abandi batari mu butegetsi bushasha - nta kintu na kimwe mu vyo yari yashimiye igihugu ca Ghana cari kigikora.

Pat Nixon (i buryo)

Ahavuye isanamu, BETTMANN/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Umugore wa Prezida Nixon, Pat Nixon (i buryo) mu kiganiro n'umumenyeshamakuru Barbara Walters avuye muri Afrika yo mu burengero mu 1972

Sinzi ico bakoresheje ayo mafoto, ariko ndazi ko hari abategetsi benshi ba Amerika bataryohewe kubona bafise amafoto batazigera bakoresha.

Ariko ivyo vyari ivy'ico gihe, ubu Ghana yarateye imbere, igendera ku ntwaro ya demokarasi ishinze imizi, bisigura ko abashitsi n'abanyagihugu ata numwe yibaza ko hokwaduka ivy'ihirika ry'ubutegetsi.

Ambasaderi w'ivy'imideli

Ku rutonde rw'ivyo ategekanya kurangura, umupfasoni wa mbere wa Amerika Melania Trump azanywe n'ikibazo c'amagara y'abavyeyi n'abana mu gihugu ca Ghana, ariko kandi azogerageza kwishushanya n'umukenyezi wa mbere wa Ghana, Rebecca Akufo-Addo.

Uwo mupfasoni yamaze amezi atandatu mu mwaka uheze asaba abantu amahera ngo hubakwe ibitaro vy'ibikoresho bikwiye vy'abagore n'abana mu gisagara ca kabiri c'igihugu, Kumasi, mu kugerageza kurangiza ingorane imaze igihe kirekire.

Igitenge co mu bwoko bwa "kente"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Elizabeth Ohene yizeye ko Madamu Trump agira ico ashikirije gikwembe co mu bwoko bwa "kente" co muri Ghana

Birashoboka ko Rebecca aza kurondera uburyo bwo kugondoza Melania ko hari ibitaro vy'abana mu gihugu bishobora kwitwa "Be Best", icivugo ca Melania Trump mu gihe yoba yipfuza kubinagura.

Ku bindaba, nipfuza kugira ico nterereye ku kirangabikorwa ca runo rugendo. Nari kumusaba akabonana n'uwunshonera amakanzu, akamukorera ijaketi ikozwe mu gitenge ca kente yohangana n'ijaketi yiwe yanditsweko "I Really Don't Care, Do U?".

Hano ntituzwi gusa ku bibazo vy'abagore n'abana, tufise umudeli tugezeko wo kwambare impuzu zikozwe mu gitenge ca kente, umudeli wogira ico ubwiye Madamu Trump.

Sinzi yuko abo muri Protocole bovyemera, ariko nibaza ko dukwiye kumugira ambasaderi wa Ghana mu vy'imideli.