Ubushinwa bugiye kugira ingere ku yindi buhangana na Amerika mu ngwano y'Ubudandaji

Prezida Donald Trump wa Amerika na Xiping w'Ubushinwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Donald Trump wa Amerika na Xiping w'Ubushinwa

Kuva kuri uno wa mbere, hafi ibidandazwa 6000 vy'Ubushinwa bigiye kuza biratanga amakori angana n'ibice 10%, bikazotuma igihugu ca Amerika cinjiza amadolari imiliyaridi $200, ivyo bidandazwa bigatangurira ku masakoshi gushika ku bidandazwa vy'ibishonano.

Bino bisigura ko hafi ica kabiri c'ivyo Ubushinwa buguriisha muri Amerika, bigiye gutangishwa amakori.

Ariko Ubushinwa bugiye nabwo nyene kwihora.

Bugiye kuvana ibidandazwa vyatanga amakori angana n'ibice 5% bije kuri 10% ku bidandazwa biva muri Amerika, bube bwinjije amadolari imiliyaridi $60.

Umunyamakuru wa BBC, Karishma Vaswani yavuze ko yiboneye ubwiwe ibijanye n'iyo ngingo, igihe atemberera ihinguriro ry'imiringoti mu bwinjiriro bwa Beijing, arigana ivyo yabonye.

Ihinguriro ry'imiringoti "Hebei Huayang Steel Pipe" (HHSP) niryo rya mbere rinini rikora imiringoti ya "acier" muri iyo ntara.

"Igihe ninjira muri iryo hinguriro, ikintu ca mbere cantangaje ni akamoto kakwakira kw'ivyuma vya "acier" biturigwa."

"Ubona imisozi y'imiringoti ya "acier" mu kibuga, hamwe n'ibikono binini bitwara umwuka wa gazi, amavuta hamwe n'amazi."

Ihinguriro HHSP ryari ryashinze igisata kijejwe abakiriya bo muri Amerika imbere yuko ayo makori mashasha atangazwa, rirondera n'abandi bakiriya.

Ukwo kurondera kwagura isoko rya Amerika vyabaye birahagarikwa, iryo hinguriro rikavuga ko rifise izindi nzira nyinshi ritegekanya.

Steven Yue ni umuyobozi w'igisata co kugurisha muri HHSP. Yarantembereje muri iryo hinguriro, munyuma ambwira iko isoko yo muri Amerika ari agahimba gato uravye ivyo bagurisha, avuga ko ata makenga afise.

Umuringoti wa "acier" mw'ihinguriro "Hebei Huayang Steel Pipe"
Insiguro y'isanamu, Hebei Huayang Steel Pipe ni ihinguriro rya mbere rinini rikora imiringoti ya "acier" mu ntara ya Hebei

Namenye ico agona aruko ndamubajije ico yiyumvira ku budandaji buri hagati ya Amerika n'Ubushinwa - n'ico yiyumvira ku nyishu y'igihugu ciwe.

"Tuzobereka inguvu zacu!", niko yabwiye umugwi wacu mu congereza.

Ingwano y'ubudandaji nta kimwe yamubwiye, avuga ko izobangamira cane Amerika kurusha Ubushinwa.

"Leta y'Ubushinwa ntizorera amaboko," niko yatubwiye.

"Amerika ifise amashirahamwe menshi akorera mu Bushinwa kandi ahungukira. Amerika ni yatangura gutera Ubushinwa, bizogira ingaruka ku vyashara vya Amerika bikoregwa hano.

"Uwo wese afise ishaka azotsinda. Ariko muri kino gihe, ndemera ko Ubushinwa bugishobora kugenzura ibiriko biraba."

Ukwo ni kwo nagiye ndavyumva mu ngendo nagize mu Bushinwa.

Ihinguriro ry'impuzu i Xiayi mu ntara ya Henan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibidandazwa bigizwe n'amasakoshi hamwe n'impuzu biri muvyo Amerika yadugirije amakori

Gukinisha amategeko

Wumvirije Prezida Donald Trump wa Amerika ku vyerekeye imigenderanire y'ubudandaji, wokwibaza ko Ubushinwa aribwo bwunguka, Amerika igahomba.

Amerika iramaze kwungukira vyinshi mu gihugu c'Ubushinwa nkuko perezida w'ikigo "Center for China and Globalisation", Wang Haiyou, abisigura.

"Raba ku myaka 40 irangiye Ubushinwa butanguye kugira imigenderanire na Amerika," niko yambwira mu biro iwe i Beijing.

"Amashirahamwe akomakomeye ya Amerika ari mu Bushinwa. Akorera vyinshi mu Bushinwa. Amwe arakomeye wanashaka kurusha Amerika. Ntushobora kuvuga ko bitagenze neza.

"Boeing igurisha indege nyinshi mu Bushinwa kurusha mu tundi duce tw'isi. Hanyuma Walmart ikorera ibidandazwa vyinshi mu Bushinwa kurusha ayandi mashirahamwe kw'isi.

"Mu gihe "General Motors" (GM) ikorera imiduga myinshi mu Bushinwa kurusha muri Amerika - ni irihe shirahamwe rivyidogako?

Urudandazwa mpuzamakungu

Nabwiye Bwana Wang ko ata muntu aharira ko Amerika yinjije amahera mu Bushinwa - ahubwo nuko Ubushinwa butubahirije amategeko, ko naho bwoba bwarakurikije amasezerano y'ikigo kigenzura ubudandaji kw'isi "World Trade Organisation" (WTO), ko butakurikije akarangamutima kayo masezerano.

"Amerika niba itanezerewe, irashobora kujayo ikitwara," niko yambwiye.

Hari benshi babona ko Ubushinwa butigenjeje neza mu budandaji bukorana na Amerika, hamwe no ku bandi bose bakorana.

Prezida Trump asaba Ubushinwa guhindura inyifato yabwo itabereye, igafata neza amashirahamwe ya Amerika.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubushinwa bwagiriza Amerika gutanguza "ingwano nini y'ubudandaji mu mateka y'ubutunzi"

Ibivugwa ku terambere ry'Ubushinwa

Twaratembereye ishuli kaminuza ry'itumanako "Communications University of China" i Beijing, turaganira n'abanyeshuli baho.

Natangajwe n'ingene bamwe bari bafise amakenga ku bijanye n'akazi kubera iyi ngwano y'ubudandaji - ariko kandi n'ingene ico kibazo gituma bamwe bakunda cane igihugu cabo.

Umunyeshuli umwe w'umuhungu yambwiye ati, "Ubushinwa bwaraduze ningoga muri ino myaka mirongo, bituma amakungu abuhanga amaso. Ico nico gituma Amerika yipfuza kudukuraho.

"Ariko Ubushinwa bwarahaye Amerika inyishu ikomeye, nibaza ko igihugu canje gishobora kuvyifatamwo neza."

Muri Amerika "Bamwe mu banyepolitike ba Amerika bo ku rwego rwo hejuru bavuga ko Ubushinwa bwivye ubuzobere bwa Amerika mu kwiteza imbere, mu guhonyanga amategeko akingira ivyo umuntu yatanguje akoresheje ubwenge bwiwe ("droits de propriété intellectuelle").

Naho bivugwa ukwo, Ubushinwa bwo buzi ko bwakoze cane kugira ngo bushike aho bugeze muri kino gihe - ko bitazoroha ko burera amaboko imbere ya Amerika.

Mu Bushinwa benshi bazi ko runo rudandazwa ari urwo gutuma Amerika ihagarika iterambera ry'Ubushinwa - ariko Ubushinwa buriteguriye iyo ngwano.