Football: Harigeze kuba ibihangange – raba bano bakinyi berekanye ubuhinga budasanzwe kurusha abandi

Igishusho c'abakinyi bane b'ibihangange
    • Umwanditsi, Alex Bysouth
    • Igikorwa, Umunyamakuru mukuru wa BBC Sport
  • Igihe co gusoma: iminota 8

Imbere y'uko imbuga nyagiro ziza zigatangura kubamamaza, uku niko abakinyi b'umupira w'amaguru bamamara: Agace gato k'ikiganiro co mu gatondo ko ku wa gatandatu cacishwa ku mboneshakure, kakerekana ubuhinga bw'akataraboneka, amayeri yo gucenga, eka ikirori cari kiryoheye ijisho, kagaherekezwa n'umuziki wari uzwi cane ico gihe, kari gakwiye kugira ngo umukinyi abe icamamare.

Ronaldinho yabaye umwe muri ibi bihangange vyama vyerekanwa, co kimwe na Jay-Jay Okocha, bagatera amero abana bakiri bato eka mbere n'abantu bakuze, barondera kugerageza buriya buhinga bwabo budasanzwe mu kibuga.

Ariko kandi, ntawokwibagira umusatirizi yavukiye i Liverpool yacanganya abakinyi b'inyuma, akinjiza n'ibitsindo vy'agatangaza, akerekana ubuhinga budasanzwe, ivyatumye buri ndwi yama aboneka mu kiganiro ca buri yinga cari kizwi nka Soccer AM, mu gace kitwa 'Showboat King'.

'Showboat' kari agace kazwi cane k'ikiganiro c'umupira w'amaguru Soccer AM cashishwa ku mboneshakure, kakerekana abakinyi berekana amayeri n'ubuhinga budasanzwe. Ni agace kakundwa cane n'abafana kuko kenshi kerekana abakinyi b'ibihangange kw'isi.

Lee Trundle w'imyaka 49 ubu, ariko akaba agikina mu cicaro ca gatatu ca Wales/Pays de Gales, agira ati: 'Narahimbarwa cane gukina nka kuriya — kwerekana ubuhinga bwanje, kugerageza ibintu bitandukanye.'

"[Ikiganiro] Soccer AM carakurikiranwa cane n'abafana bose aho bari. Nta kindi wasanga bavuga atari Showboat. Rero vyari ibintu binezereje cane kuba uriko uravugwa hamwe n'abandi bakinyi karuhariwe kw'isi".

Kuva kuri Garrincha ukaja kuri Gazza, Pele ugashika kuri Antonin Panenka, Diego Maradona ugashika kuri Djalminha, abakunzi b'umupira w'amaguru bamye bakwegwakwegwa n'abakinyi berekana utuntu tudasanzwe.

Trundle ati: "Buri gihe wama ushaka kuraba abantu bakora ibintu udashoboye. Si benshi bashoboye kwerekana ibintu vy'igitangaza, nko kuroba umuntu canke kumukubita cobo. Ibi ni vyo bintu bituryohera kuraba.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Kuva nkiri umwana, narakunda Paul Gascoigne. Narakunda kuraba amavidewo yiwe n'ibintu yakora. Narakunda kandi Romario, gusa umunya-Brezili R9 [izina ry'iritazirano ryahawe Ronaldo] ni we yampimbara. Ariko Ronaldinho na we, n'ubuhinga bwiwe bw'akataraboneka, yaje asumba bose".

Mu gutondeka abakinyi b'ibihangange, nta nkeka ko Ronaldinho afata iya mbere – ariko reka turabe ibindi bihangange biri kumwe n'uno munya-Brezili ku rutonde rwacu rw'icumi ba mbere.

Muri iki gihe, ubu buhinga bwose ntibusiba kwiganwa ku mbuga za TikTok na YouTube. Inyuma y'akanya yari amaze yihweza utu tugenegene, nagiye numva umwishwa wanje ambaza ati: "Woba uzi umukinyi yitwa Ronaldinho?"

Aho rero! Witegure rero tugomba twinjire mw'ido n'ido.

Ronaldinho igihe yari ku rugero rwiwe rwo hejuru nta muntu yashobora kumuhagarika - umuvuduko wiwe, ukwiyumvira kwiwe bukwi na bukwi…yari kibirengeye, umunyamayeri ateye ubwoba.

Ronaldinho, kuboneka vyonyene ku kibuga vyari bihagije kugira urukino rurabwe. Ubuhinga bwiwe bw'akaroruhore bwari buryoheye ijisho. Ku macenga yiwe, kari akaga ku bakinyi b'inyuma baza kenshi guhindukira basanga insenga ziriko zirahungabana.

Muri Barcelona, ubuhinga bw'igitangaza bwa Ronaldinho bwafashije Lionel Messi kugaragara. N'igihe atari akiri ku rugero rwiwe rwo hejuru i Nou Camp, yagumye ari umukinyi yaryohera abarorerezi.

Ronaldinho akoze ikimenyetso c'ibiganza arimo gutwenga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ronaldinho yatsindiye Ballon d'Or mu 2005

Mu mugwi nserukiragihugu, samuragwa wa Ronaldinho yabaye Neymar Jr. Hariho abantu benshi bibaza nimba koko Neymar akwiye guhabwa iri teka, ariko Yannick Bolasie, ubu akina muri Brezil kandi ari hafi gushika kuri uru rutonde, arabishura, aho avuga ko Neymar ari "umwami" yatanguriye "umupira w'amaguru mw'ibarabara gushika aho agera ku rwego rwo hejuru".

Mu gihe ciwe gikomeye, Neymar yari umukinyi w'akaroruhore kandi w'ubuhinga bwinshi cane, ari muri cumi ba mbere batsinda ibitsindo vyinshi mu nkino z'i Burayi muri iki kinjana ca 21. Yari afise ubuhinga budasanzwe – amacenga yiwe n'imipira yiwe y'agatebetebe ni ibintu abafana badashobora kwibagira na gato.

Ibi rero ni igipimo co gufatirako mu kuraba umuntu ashobora kuja canke kutaja kuri uru rutonde rw'abakinyi bamenyekanye mu buhinga budasanzwe mu mupira w'amaguru.

Zinedine Zidane, Thierry Henry na Messi, nk'akarorero, bose bari bafise ubuhinga bwo gutwara umupira ku rugero abakinyi hafi bose bipfuza gushikako, ariko kandi barasumba benshi hafi mu ngero zose z'urukino.

Iyo tuvuga umukinyi w'akaroruhore, ni urya muntu iyo izina ryiwe rivuzwe gusa, rica ryibutsa ibihe bidasanzwe, ingene yari karuhariwe mu gutera umupira n'amayeri menshi n'ubwenge bwinshi.

Jay Jay Okocha arimo gukina umupira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jay Jay Okocha yarerekanye ubuhinga budasanzwe muri Bolton Wanderers

Akarorero ni West Ham yigeze kuba ifise umukinyi wayo yafatwa nk'umunya-Brezili, anatazirwa izina rya ca gihangange Pele, Joe Cole akiri muto. Yarabiciye biracika kuri Upton Park, ikibuga ca West Ham kuva mu 1904 gushika mu 2016, ku mayeri yiwe n'umuvuduko wari uteye ubwoba.

Cole yari umwe mu bakinyi b'inkerebutsi bateye igomwe kurusha abandi kw'isi yose.

Ntawokwibagira kandi, mu gisagara kiri mu buraruko bwa Manchester, ukungene abakunzi b'umupira batonda imirongo kugira ngo bashobore kwibonera ruteshamutwe wabo, igihangange Jay Jay Okocha, yagiye kuba isura n'ikimenyetso c'impinduka zikomeye muri Bolton Wanderers yamenyerezwa na Sam Allardyce.

Uno Munya-Nigeria yari kizigenza w'aba ba-Trotters akaba yararongoye uno murwi gushika mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'Ubwongereza ico gihe (ubu iki gikombe citrwa Carabao Cup ) gushika aho aza kwitwa umukinyi wa mbere mwiza cane yakiniye kuri Reebok (ikibuga ca Bolton Wanderers), yari umuhinga yakina umupira ku rugero rugoye kwiyumvira – akinjiza ibitsindo vy'agatangaza kandi ku buhinga budasanzwe.

Joe Cole yigarama umupira mu kibuga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joe Cole yakinye inkino 150 muri West Ham imbere y'uko yinjira muri Chelsea mu 2003

Gukora utugenegene mu mupira w'amaguru birashobora gucanishamwo abantu, kuko rimwe na rimwe bifatwa nk'agasuzuguro iyo bikozwe mu bihe bitabereye.

Ku bakinyi bobo, baba babona ko ari ibisanzwe kugira ngo bateshe umutwe abo bahanganye canke bagumane umupira, ariko abo bahanganye bobo bashobora kubitahura ukundi bakabifata nabi, hakaza kuvamwo gukiniranira nabi. Ni nako vyagendeye Rayan Cherki mu rukino rwa nyuma rw'Igikombe ca Carabao.

Eka mbere na Andrei Kanchelskis, igihe yahagarara ku mupira agashira ikiganza ku ruhanga nk'uwuriko araba umuntu atabona neza, yisigura avuga ko yariko araba mugenziwe yakina imbere Billy Dodds ataboneka neza kubera yari afise imbaga nto, mu rukino rwahuza umurwi wiwe Rangers na Ayr United – kandi rero ibi vyarumvikanye kuko yarashoboye guha umupira Dodds akinjiza igitsindo.

Andrei Kanchelskis ahagaze ku mupira

Ahavuye isanamu, Youtube/screenshot

Insiguro y'isanamu, Andrei Kanchelskis

Mu tugenegene twiwe, Trundle yisigura agira ati: "Umukenyuro wanje kwari ukurondera inzira canke kurondera akaryo ko kugerageza kwinjiza.

"Ariko iyo Antony yizungurutsa n'umupira, mu bisanzwe nta na hamwe aba ariko araja. Aba ariko azunguruka aho ari gusa.

"Mu vy'ukuri, uko ni uguta umwanya. Ni vyo ko womenga biryohera abantu, ariko nta gitsindo giheza ngo kivemwo canke ngo havemwo ikintu gifasha umurwi".

Akandi karorero, Mario Balotelli, igihe yari afise imyaka 20, yahawe umupira imbere y'igori rya LA Galaxy mu rukino rwa kivandimwe, ico gihe nta n'umwe atabona ko yategerezwa kwinjiza, ariko yahisemwo kwikorera utugenegene yizungurutsa ku kuguru kumwe imbere yo kugerageza no kwinjiza igitsindo ateresheje agatsintsiri, ariko yaragihushije.

Ubwo nyene uwari umumenyereza wa Manchester City, Roberto Mancini, yaciye amusohora amwagiriza ko yasuzuguye urukino.

Mario Balotelli yari azwi cane nk'umukinyi atiyubara canke ngo ahishe imitongano afitaniye n'abantu.

Hari amakuru menshi yagenda muvugwako hanze y'ikibuga. Hari amakuru avuga cane ko yigeze kuzunguruka Manchester yose yambaye umwambaro wa Père Noël, agenda aha amafaranga abantu, ayandi makuru nayo akavuga ku vyabaye mu nzu iwe aho ibisasu vy'urumuri (fireworks) vyigeze guturika mu bwiherero. Ariko ivyo vyose nta co vyamugize kubera impano idasanzwe yari afise mu mupira w'amaguru, ubuhinga bwinshi n'amayeri adasanzwe ku mupira.

Uno mutaliyano akina muri Adana Demirspor, yasubiye kwiyerekana giturumbuka mu gutsinda igitsindo ciza cane, inyuma y'utugenegene twinshi imbere yo gutera umupira mu buryo bwa rabona (uburyo bwo gutera umupira n'ukuguru ugucishije inyuma y'ukundi), igitsindo catumye ukwibonekeza kwiwe gusubira kuba ukudasanzwe, aho abafana baciye bibuka ya majambo yavuga mu 2011 akiri muri Manchester City: "Kubera iki ari jewe gusa, eh?"

Mario Balotelli akikujwe n'abakinyi, bamwe bamufasheko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mario Balotelli yerekanye amajambo yiwe yibukirwako cane 'Why Always Me?' (kubera iki ari jewe buri gihe) ku gapira kiwe igihe yinjiza igitsindo ca Manchester City yariko ikina na Manchester United

Hagati aho, Cristiano Ronaldo, avuga ko Sir Alex Ferguson yamusavye ko yogabanya ivyo gucanganya amaguru arondera cuganganya abakinyi b'inyuma igihe yari akiri muto akinira Manchester United.

Eka na mugenziwe Luis Nani na we yigeze kuba mu bihe vyiwe – amacenga yakunda gukubita Arsenal – ariko nimba ari abakinyi bo ku ruhande b'abanya-Portugal bavugwa kuri uru rutonde ni Ricardo Quaresma, yamamaye cane muri Sporting, akina ku ruhande rutandukanye n'urwa Cristiano Ronaldo.

Umuhinga wa trivela (ubuhinga bwo gutera umupira n'uruhande rwo hejuru rw'ikirenge, akenshi umupira ukagenda urizunguriza) - yari umukinyi mahindagu, atamenyerwa, kandi yazibira abakeba n'ubwenge bwinshi.

Ariko hari umukinyi umwe - abakinyi b'inyuma baba bazi neza ico yaba agiye gukora -ariko kumuzibira utamukoreye ikosa ni nk'uko bitashoboka.

Amafoto abiri afatanije ya Kerlon, hamwe afise umupira ku ruhanga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uno Munya-Brezili Kerlon yamamaye cane kubera ubuhinga bwiwe bwo gutwarira umupira ku ruhanga

Imyaka ibiri iheze, Jack Lang wo muri The Athletic, igisata c'ikinyamakuru The New York Times kijejwe amakuru y'inkino, yarakurikiranye inkuru y'umunya-Brezili yari umusoreyari yataziriwe "The Little Seal", ubu akaba ari muri Caroline du Nord aho yibereye amenyereza abana bakiri bato, ku myaka 38.

Kerlon yaramenyekanye cane kubera ubuhinga budasanzwe yari afise aho yaterera umupira akawushira ku ruhanga rwiwe imbere yo kwinyuranganya mu bakinyi b'inyuma awudundadunda ku ruhanga, ikintu yamara amasaha n'amasaha yimenyereza akiri umwana.

Ubu buhinga bwa Kerlon bwatanguye kumenyekana cane igihe yabukoresha akinira imigwi y'abana muri Brezili, noneho biza kurushirizaho igihe yinjira mu mugwi Cruizero.

Ni buno buhinga nyene bwatumye ashobora gushika muri Inter Milan, nubwo incuro imwe yonyene yakinye muri Serie A, ihiganwa ry'Ubutaliyano, hari igihe yatizwa muri Chievo, ikindi gihe yatizwa muri Ajax bikaba bitagenze neza.

Umwuga wiwe wagiye guhungabanywa n'urukurikirane rw'imvune zikomeye mw'ivi zamubangamiye cane, hakaba haciye imyaka cumi uno munya-Brezili atangaje ko akukurutse, ariko abanditsi n'abasesenguzi baracabandanya bavuga ubuhinga bwiwe.

Ntibashitse kure, ariko ni ntibagiranwa...

Lee Trundle afise umupira mu kibuga, ari hamwe n'abandi bakinyi babiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lee Trundle jinjije ibitsindo 91 muri Swansea

Reka rero tuje ku bakinyi ntibagiranwa mu bafana, bamenyekanye cane kubera ubuhinga n'uburyo baryosha urukino, cane cane mu bihe vya Premier League ya Barclays, kandi nubwo batashitse kure cane mu mwuga wabo, ibihe bidasanzwe bagize biracibukwa.

Bari abakinyi badasanzwe, ico bari bagamije cane kikaba cari kunezereza abakunzi b'umupira w'amaguru.

Igihe cose Adel Taarabt yafata umupira, abafana baca bahaguruka, kuko baba biteguriye kubona ikintu kidasanzwe, mu gihe ku bakinyi b'inyuma yari imihangayiko, bagerageza kwugara amaguru kugira ngo ntabatere cobo.

Hagati aho, abafana baramushavurira rimwe na rimwe kubera imyifato yiwe, ariko ni ntibagiranwa kubera ubuhinga bwiwe mu kibuga.

Neil Warnock, umumenyereza wa Taarabt mu murwi QPR, ari na ho yakiniye umupira mwiza kurusha ahandi hose mu mwuga wiwe mu gufasha uno murwi kwinjira mu cicaro ca mbere ca Premier League, yavuze ko uno munya-Maroc ari we "mukinyi wa mbere afise impano nyinshi cane" yari amaze kumenyereza. Taarabt yari umukinyi w'igitangaza mu kibuga, yari abangamye cane ku bakeba.

Ni co kimwe na Hatem Ben Arfa, umuhinga adasanzwe mu mupira w'amaguru, aho yaronse akanya ko kunezereza abafana no gutesha umutwe abakinyi b'inyuma b'abakeba kuri St James' Park, ikibuga ca Newcastle – aho izina ryiwe ryamenyekanye cane igihe yaca mu ryahumye abakinyi b'inyuma ba Bolton akinjiza igitsindo c'agatangaza cabasize bajumarariwe.

Ariko kumbure turangirize ku mukinyi rutura mugabo atigeze na rimwe akina muri Premier League, ariko yama aryosha ibihe vy'igitondo igihe abantu baba bamurindiranye igishika ku misi ya gatandatu, haba ingene yazungurutsa umupira ku bitugu, canke ingene yungikanya umupira akawutera mu mfuruka zo hejuru y'igori.

Uno ni Trundle, aho agira ati: "Narakunda gukina nisanzuye. Nari mfise udukenyuro nari nzi neza uko dukora neza cane mu bibanza bimwebimwe. Ikibuga c'umupira w'amaguru cari ikibanza nagiriramwo umunezero mwinshi kurusha ahandi hose."

Abo ni bamwe muri aba bakinyi bari bakunze kwiyerekana mu tugenegene – wewe na we ushobora kwikorera urutonde rwawe, maze ukatwereka abakinyi wakunze kurusha abandi.