Vyagenze gute ngo indege y'Uburusiya ihanugwe?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya buvuga ko Siriya yakoroye imwe mu ndege zabwo z'ingwano, igitangaje nuko ico gihugu cidogeye Isarayeli na burya cayiburiyemwo abantu 15. None vyagenze gute?
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bwavuze ko Isarayeli yatumye indege yabwo Il-20 yinjira ku munsi wa mbere mu kirere Siriya yivuniyemwo umwansi, ntiyateguza mu gihe gikwiye Moscou.
Indege Il-20 ntiyasubiye kuboneka kuri "radar"(igikoresho cerekana uruja n'uruza rw'indege mu kirere), kuva isaha zitanu z'ijoro zaho muri Siriya.
Igisata ca Isarayeli co kwivuna abansi "Israel Defence Force" (IDF) cavuze ko "kibabajwe" n'urwo rupfu.
Mw'itangazo cacishije kuri Twitter, cabandanije kivuga kiti: "Isarayeli ifata ubutegetsi bwa Siriya burongowe na Perezida Assad n'igisirikare ciwe, ko arico cakoroye indege y'Uburusiya, ko aribwo bukwiye kubibazwa."
Isarayeli yabandanije ivuga ko indege zayo zari zimaze kugaruka mu kirere ca Isarayeli, igihe ibisasu vya "missiles" vyakoroye iyo ndege bitegwa.
Isarayeli - yidogera Irani na Hezbollah - yemera gake ko igaba ibitero kuri Siriya, ariko umwe mu basirikare bayo yavuze mu minsi iheze ko ibitero vy'ico gihugu vyibasiye inyungu 200 za Irani muri Siriya, mu mezi 18 arangiye.
Leta ya Isarayeli itewe amakenga no kubona igisirikare ca Irani muri Siriya, n'ibigwanisho vya Irani birungikigwa umuhari Hezbollah ufasha igisirikare c'igihugu ca Syria.
Mu vyukuri vyagenze gute?
Ayo makuru ntasobanutse neza kandi ivyo Uburusiya bushikiriza bikwiye gutohozwako.
Ico gitero co ku munsi wa mbere bivugwa ko cabereye ku birometero 35 uvuye ku nkengera za Syria, mu gihe indege y'Uburusiya Ilyushin Il-20 yariko isubira ku kirindiro cayo ca Hmeimim hafi y'igisagara ca Latakia kiri mu buraruko bushira uburengero.
Ikinyamakuru Tass c'Uburusiya kivuga ko indege Il-20 "yabuzw'irengero igihe c'igitero c'indege zine za Isarayeli F-16 ku nyungu za Siriya mu ntara ya Latakia".
Amakuru aturuka mu binyamakuru vya Siriya, avuga ko vyavuze ku vyerekeye ico gitero imbere yuko iyo ndege inyika.
Ikigo c'itangazamakuru Sana kivuga ko igisirikare cavuze ko casambuye "missiles z'umwansi zaje ziva mu kiyaga, zerekejwe mu gisagara ca Latakia".

Televiziyo ya Siriya yaratangaje ko habaye ibiturika mu kirere ca Latakia imbere y'isaha zine z'ijoro. Haheze iminota 30, Facebook y'ikigo Sana ivuga ko igisirikare ca Siriya co mu Kirere cihoye "missiles" z'umwansi.
Uburusiya bwagiriza iki Isirayeli?
Mw'itangazo ryashizwe ahabona, Uburusiya buvuga ko ibitero Isirayeli yakoze vyerekana ko ico gihugu ataco cinona, kw'ico gihugu gikwiye gushigwako ivyabaye, mu gihe cagabishije ko kigiye gutera mu kiringo kidashika no ku munota umwe, bituma indege y'Uburusiya yariko igenzura akarere itaronka umwanya ukwiye wo kuva muri ako karere.
"Indege za Israeli zatumye amato y'ingwano n'indege zo mu kirere bibura ingene bivyifatamwo," niko umuvugizi w'igisirikare yavuze.
Uwo muvugizi yavuze ko Isirayeli "yakoresheje indege y'Uburusiya mu kwikingira", ituma iyo ndege "ija mu nzira y'ibitero bigabwa n'igisirikare co mu kirere ca Siriya".
Uwo muvugizi yavuze ko iyo ndege yahanuwe na "missile" ya Siriya.

Isirayeli yo ivuga iki?
Isirayeli ivuga ko indege za IDF zahama ibirindiro vy'igisirikare ca Siriya "aho uburyo bwo gukora ibigwanisho bitumbereza kandi vyica, bwagira burungikigwe Hezbollah, butanzwe na Irani".
Ivuga ko "missiles" za Siriya zitatumberejwe neza, ko indege za Isirayeli zari zimaze gushika mu karere kazo igihe zategwa.
Iryo tangazo rivuga ko igisirikare ca Siriya cari gikwiye kubanza kuraba ko "ata ndege y'Uburusiya yari mu kirere", ico gihugu kigahererekana amakuru na Moscou.
Inyuma y'ivyo, Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu bwahamagaje uwuserukira Isirayeli mw'ico gihugu, ngo yisigure.
Izo nsiguro zitangwa n'ivyo bihugu zirumvikana?
Reka twumve insiguro y'umunyamakuru wa BBC mu vyo kwivuna abansi, Jonathan Marcus
Uburusiya koko burashavuye. Ico umuntu yokwibaza, abarusiya bidogera Isirayeli bikwiye?
Ivyaha biri kubiri. Uguhererekana amakuru kwakogwa kera ntakukiriho muri kino gihe.
Igisirikare ca Isirayeli co mu kirere kirafise abagenzura indege zo mu kirere bavuga ururimi rw'ikirusiya, bashobora kuvugana na bagenzi babo mu Burusiya.
Ariko Moscou ikavuga ko Isirayeli yabamenyesheje ivy'ico gitero hasigaye umunota umwe ngo kigabwe.
Ubwa kabiri Uburusiya buvuga ko Isirayeli yakoresheje "radar signature" kugira ngo ikoreshe indege ya Ilyushin mu kunyegeza indege zayo.
Igisirikare ca Siriya co mu kirere ngo categerezwa kuba camenye ko indege y'Uburusiya iri mu micungararo, kitiriwe kiraraba ivyo Isirayeli yari igiye gukora.
Hashobora kuba hari ibintu vyinshi vyatumye iyo ndege ihanugwa.
Kubera iki Uburusiya buri muri Siriya?
Uburusiya bwatanguye kugabira ibitero muri Siriya mu 2015, bubisabwe na Perezida Bashar al-Assad, ari ku butegetsi bw'igihugu kiri mu ngwano imaze imyaka indwi, imaze guhitana abantu barenga 350000.
Igisirikare c'Uburusiya cavuze mu kwezi kwa kane uno mwaka, ko kimaze amezi 18 gifasha Siriya kwubaka uburyo bwo mu kirere bwo kwivuna umwansi, nkuko bivugwa n'ikinyamakuru Guardian co mu Bwongereza.
Uburusiya buvuga ko ibitero vyabwo vyibasira gusa "imirwi y'iterabwoba", ariko abaharanira amateka bo bakavuga ko bihitana abagwanyi hamwe n'abanyagihugu.
Ku bw'ikigo kigenzura ingwano ibera muri Siriya "Syrian Observatory for Human Rights" co mu Bwongereza, niburiburi abasivile 7928 hamwe n'abagwanyi 10069 baramaze kugwa mu bitero vy'Uburusiya.










