Uburusiya bwaburijemwo kandi ingingo ya Onu kuri vyuka vy'ubumara muri Syria

Man receives treatment after a gas attack in the Syrian town of Khan Sheikhoun. 4 April 2017

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ibitero vy'ubumara mu gisagara ca Khan Sheikhoun mu kwezi kwa kane cahitanye abantu barenga 80

Uburusiya bwakoresheje ubwa kabiri ijwi ryabwo mu kanama kajejwe umutekano kw'isi muri Onu mu kuburizamwo ingingo yo kwongereza ikiringo c'abagira amatohoza ku bitero vy'ibigwanisho vy'ubumara muri Syria.

Uburusiya bwamiriye kure integuro y'ingingo y'Ubuyapani yo kwongereza ikiringo c'imisi 30 akanama kajejwe kugira amatohoza, ikiringo cako carangiye ku muri wa gatanu isaha zitandatu z'ijoro.

Ibihugu vya Buraya vyiyamirije iyo nyifato.

N'incuro ya 11 Uburusiya bukoresha ijwi ryabwo muri Onu mu gushigikira ico gihugu bicuditse kuva intambara yaduka muri Syria.

Ku musi wa kane, Uburusiya bwaburijemwo integuro y'itegeko ya Amerika yasaba ko ako kanama bakwongerereza ikiringo c'umwaka.

Ako kanama kari kashizweho mu 2015 kugira gatohoze abagize igitero c'ibigwanisho vy'ubumara. Ni ko kwonyene kahawe uruhusha rwo gutohoza kw'ikoreshwa ry'ibigwanisho vy'ubumara muri Syria.

Uburusiya bwaranebaguye ako kanama aho kashikiriza ko reta ya Syria ari yo yakoze ico gitero c'ubumara mu gisagara ca Khan Sheikhoun mu kwezi kwa kane.

Syria irahakana gukoresha ibigwanisho vy'ubumara.