Amanota mabi yatumye abanyeshuli baryama hanze muri Kenya

Abanyeshuli barajwe hanze kubera amanota mabi

Ahavuye isanamu, Daily Nation Twitter

Insiguro y'isanamu, Abanyeshuli barajwe hanze kubera amanota mabi

Abavyeyi bari mu gashavu inyuma yaho abanyeshuli b'abigeme barenga 30 bari mu ndaro barajwe hanze mu mbeho mu murima, kubera ko baronse amanota make.

Abo bigeme biga kw'ishuli ryisumbuye ryo muri West Pokot mu buraruko bwa Kenya, bakuwe mu buraro n'umukenyezi ayobora ishuli abahora amanota mabi, nkuko amakuru yo muri ako karere avuga.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Benshi muri abo bigeme baronka imfashanyo y'amahera y'ishuli ava mu gisata co guteza imbere umupira w'amaguru, ayo mahera akaba yatangwa ata kuraba ingene abo banyeshuli bakoze mu vyigwa, niko ikinyamakuru Daily Nation ca Kenya kivuga.