Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare i Bujumbura yakatiye Benjamin Manirambona igipfungo c'imyaka itanu no kudakora akazi imyaka 10
Umuyobozi w'ishure ry'ubuhinga ryo ku Buterere mu gisagara ca Bujumbura, Manirambona Benjamin, yahamwe n'ivyaha vyo gukoresha impapuro za magendu no kwiba ibibazo.
Umushikirizamanza yari yagirije ivyaha bitatu uwo muyobozi, harimwo n'ico gukora impapuro z'impimbano sentare yamuhanaguyeko.
Ntiyigeze ahakana ivyaha yaregwa kiretse ico gukora impapuro z'impimbano z'uwo yariko arakorera ikibazo, Simbananiye Firmin, ari kurangurira ubutumwa mu gihugu ca Somalia.
Yahanishijwe igihano co gupfungwa imyaka itanu no kudakora akazi mu kiringo c'imyaka cumi.
Abandi babiri, Nkurunziza Eric na Nihezagire Lazard, bahamwe n'ivyaha vyo gukingira ikibaba Manirakiza Benjamin, ivyaha ariko bobo bahakana.
Bahanishijwe umunyororo w'imyaka 2 no kudakora akazi mu kiringo c'imyaka itanu.
Gufatanwa itonga
Benjamin Manirambona yafashwe ku wa gatanu w'indwi iheze, yambaye impuzu ziranga abanyeshure, ariko arakora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza.
Umushikiranganji w'indero Janviere Ndirahisha yari yishikiye kw'ishure rya Lycee du Lac Tanganyika ayo yafatiwe, yari yavuze ko ivyo yakoze ategerezwa kubihanirwa.