Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yabonanye n'uwagirijwe iterabwoba muri Ethiopia Berhanu Nega
Mu rugendo rwiwe muri Amerika, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yabonanye na Berhanu Nega, yaciriwe urubanza rwo gupfa atari ho ari mu 2009 azira kugerageza gutembagaza reta.
Berhanu yafatwa nk'uwitwaza iterabwoba kandi n'umuhari wiwe wa Patriotic Ginbot 7 wari waratswe uburenganzira bwo gukora.
Ariko inama nshingamateka ya Ethiopia yaradohoreye ibihano uwo muhari mu kwezi kwa gatanu kandi irindi tegeko ritanga ikigongwe rishobora guca inzira y'uko uwo mugabo ahabwa imbabazi.
Izo mpinduka ni bimwe m'uvyashizwe imbere kuva Abiy abaye umushikiranganji wa mbere mu kwezi kwa kane.
Abo bagabo babiri barabonanye akanya gato i Washington baravugana ku kirangamisi c'ingene bovugana umwanya muremure ku musi wa gatanu, nk'uko umwe mu bagize urwego nyobozi rwa Patriotic Ginbo 7, Tadesse Biru Kersemo yabishikirije BBC Africa Live.