Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuhinde yisabiye inkwano y'ibiti vy'ivyamwa, yanka amahera
Umwigisha wo mu buseruko bw'Ubuhinde, yasavye umuryango w'umukobwa bakundana inkwano idasanzwe igihe bakora ubukwe kuwa gatandatu.
Mu bisanzwe mu muco w'Abahinde, umuryango w'umukobwa niwo uha inkwano umuryango w'umuhungu.
Sarojkanta Biswal, umwigisha w'ubumenyi kw'ishure rya Odisha, yasavye inkwano y'ibiti vy'ivyamwa birenga igihumbi, avuga ko akunda ibidukikije ngo ntashaka inkwano isanzwe itangwa.
Vyinshi muri ivyo biti yabikwirakwije mu banyagihugu baba mu kibano ciwe, kandi uwugiye kumubera umugore yavuze ko yabishimye.
Mu gihugu c'Ubuhinde gutanga inkwano birabujijwe n'amategeko, ariko uwo mugenzo uracakurikizwa henshi.
Usanga kenshi hasabwa inkwano zishingiye ku maronko, bagasaba ibintu vyinshi ku buryo iyo bitabonetse usanga kenshi umukobwa aca ahohoterwa, rimwe na rimwe akanicwa.