Abarongoye ishuli ry'aho umwigeme yafashwe ku nguvu muri Kenya bicaritswe

Umushikiranganji w'indero Amina Mohamed mu kiganiro ca BBC akijejwe imigenderanire ya Kenya n'amakungu
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'indero Amina Mohamed mu kiganiro ca BBC akijejwe imigenderanire ya Kenya n'amakungu

Umushikiranganji w'indero muri Kenya Amina Mohamed yicaritse abagize inama nyobozi y'ishuli Moi Girls' School, inyuma yaho umwe mu banyeshuli afatiwe ku nguvu mu buryamo.

Madamu Mohamed yakuye n'umuyobozi w'ishuli yaciye yemera kuja mu karuhuko k'izabukuru hatari bwagere, nkuko umugwi ugenzura abigisha "Teachers Service Commission" wavuze mu makuru yashikirijwe n'ikinyamakuru Nation.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Ishuli Moi Girls High School muri kino gihe rirugaye inyuma yaho umunyeshuli afatiwe ku nguvu mu ndaro, itangazamakuru ryo mu gihugu rikavuga ko uwo mwigeme yafashwe yaragiye ku kazu ka surwumwe.

Inyuma y'iryo bara abagabo 30 barimwo abigisha hamwe n'abajejwe umutekano bariko barasambishwa, kugera hamenyekane ido n'ido y'ivyabaye.

Ubutegetsi bwa Kenya buvuga ko abikekwa bazosuzumwa mu buryo bwa ADN.

Iryo bara riherutse kugwa ryatumye abantu benshi bafatwa n'agashavu ku bijanye n'umutekano mu mashuli, ndetse abandi biha amabarabara mu myiyerekano.