Kenya: Abagore bafatwa ku nguvu mu bitaro

Ahavuye isanamu, CAPITAL FM
Umushikiranganji w'amagara y'abanyagihugu Cleopa Mailu yategetse ko hakogwa itohoza ku bivugwa ko hari abavyeyi bahohotegwa bishingiye ku gitsina mu bitaro vya leta vy'i Nairobi, niko ikinyamakuru co mu gihugu cavuze.
Bwana Mailu yarungitse amakuru ku buryo bwa Twitter, ko azi neza ibivugwa ku "bavyeyi bafatwa ku nguvu bagiye canke bavuye mu kibanza categuriwe impinja" nkuko vyagiye biravugwa ku mbuga hwaniro.
Umwe mu bakoresha Facebook, yavuze ko abavyeyi bategwa iyo bagiye kwonsa impinja ziri mu kindi cumba mw'igorofa itandukanye n'iyo barimwo.
Ikibazo c'umutekano kirakomeye ku bavyeyi bafise abana mu cumba c'impinja "nursery".
Ivyumba abana bavutse bashikirizwamwo biri hasi, naye ivyumba vy'abavyeyi bikaba mw'igorofa ya gatatu.
Muri rino joro bivugwa ko hari umugore yahatswe gusambanywa ku nguvu isaha icenda, akizwa n'ijwi ryiwe.
Yibarutse amahasa ku buryo bwa "césarienne" akaba atarakira neza, mu gihe abantu nka mwenabo amagara yabo aba agoyagoya bakeneye gukingigwa."
Umushikiranganji ajejwe amagara yasavye abarongoye ibitaro gukomeza umutekano, bakongera bakamuha icegeranyo ku bivugwa ku munsi wa mbere.










