Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora ya prezida muri Zimbabwe azoba mu kwezi kw'indwi
Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yatangaje ko amatora azoba itariki 30 z'ukwezi kw'indwi mu 2018.
Azoba abaye amatora ya mbere kuva Robert Mugabe yirukanywe ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze.
Mnangagwa w'imyaka 75 wo mu mugambwe ZANU-PF, bigaragara ko azohiganwa n'abakandida benshi harimwo uwo mu mugambwe utavuga rumwe na reta Mpvement for Democratic Change, Nelson Chamisa.
Amatora yabaye imbere yahora arangwa n'iterabwoba n'ubwicanyi ariko prezida Mnangagwa yemeye ko hazoba amatora yisanzuye kandi ata ho yegamiye, kandi ubwa mbere mu myaka irenga mirongo ibiri abarorerezi mvamakungu bazoba ari ho bari.