Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Rwanda n'Ubufaransa bemeranije gukorana no gushigikirana
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko azoshigikira umushikiranganji w'imigenderanire y'u Rwanda n'amakungu Louise Mushikiwabo arondera kurongora ishirahamwe ry'ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa OIF.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ari kumwe na mugenziwe w'u Rwanda, Paul Kagame, bwana Macron yagize ati: "Umushikiranganji w'imigenderanire y'u Rwanda n'amakungu afise ibisabwa vyose vyotuma aja muri ayo mabanga. Nzomushigikira."
Yavuze kandi ko yiyemeje gukomeza imigenderanire n'u Rwanda, ashimira Kagame yemera ko hari vyinshi bokorana.
Prezida Kagame nawe yavuze ati: "Twizeye kuguma dukorana, haba ku rwego rw'ibihugu vyacu bibiri canke ku mugabane wa Afrika."
Imigenderanire y'ivyo bihugu ukwo ari bibiri ntiyifashe neza mu gihe u Rwanda rwagiriza Ubufaransa kugira uruhara muri jenoside yo mu 1994, ariko Ubufaransa bukabihakana.
Ubutungane bw'Ubufaransa nabwo bwagirize bamwe mu ntwazangabo zikorana vya hafi na Prezida Kageme, kugira uruhara mw'iraswa ry'indege ya Prizuda Habyarimana, ikintu bivugwa ko catumye jenoside itangura.
Abantu barenga 800.000 bagizwe ahanini n'Abatutsi baraguye muri ubwo bwicanyi.
Iyo nama yabaye ku munsi wa gatatu, ibaye iya gatatu hagati ya bwana Kagame na bwana Macron uno mwaka.