Umugabo umwe yaturiwe n'ibirunga muri Hawaii

Ahavuye isanamu, EPA
Umuntu wa mbere yakomeretse yamenyekanye mu gihe Hawaii ibandanya guhangana n'ikirunga ca Kalauea kimaze indwi zitari nke kiriko kiraruka.
Uwo mugabo yakomeretse yari yiyicariye imbere y'inzu yiwe aho ibibuye vyayonze n'umuriro vyamwisukako.
"Vyamwisutse ku murundi bivunagura ukuguru kose," nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'umukuru w'igisagara.
Ikirunga ca Kilauea kiri mw'izinga rinini rya Hawaii catanguye kuruka mu ntango z'ukwezi kwa gatanu, ubuzima bw'abantu bahaba bukaba bugenda buramera nabi cane.
Ku musi wa gatandatu, ibarabara rifise akamaro kanini ryahora rikoreshwa ku banyagihugu bariko barahunga, vyavuzwe ko rigaramiwe ku buryo rishobora gucika, bikaba rero vyogorana guhungisha abantu.
Ko ivyo ibirunga birutse bishobora gushika mw'ibahari, biteye ubwoba ko hashobora guca haba ivyuka vy'ubumara vyitwa "laze".







