Umugabo umwe yaturiwe n'ibirunga muri Hawaii

An aerial view of a massive flow of fast moving pahoehoe consuming everything in its path, as the flames from the remnants of one home burn

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Inzu nyinshi ziramaze gusha kubera ico kirunga

Umuntu wa mbere yakomeretse yamenyekanye mu gihe Hawaii ibandanya guhangana n'ikirunga ca Kalauea kimaze indwi zitari nke kiriko kiraruka.

Uwo mugabo yakomeretse yari yiyicariye imbere y'inzu yiwe aho ibibuye vyayonze n'umuriro vyamwisukako.

"Vyamwisutse ku murundi bivunagura ukuguru kose," nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'umukuru w'igisagara.

Ikirunga ca Kilauea kiri mw'izinga rinini rya Hawaii catanguye kuruka mu ntango z'ukwezi kwa gatanu, ubuzima bw'abantu bahaba bukaba bugenda buramera nabi cane.

Insiguro ya video, Ikirunga ca Kilauea mw'izinga rya Hawaii muri Amerika, kiriko kiratikiza inganda

Ku musi wa gatandatu, ibarabara rifise akamaro kanini ryahora rikoreshwa ku banyagihugu bariko barahunga, vyavuzwe ko rigaramiwe ku buryo rishobora gucika, bikaba rero vyogorana guhungisha abantu.

Ko ivyo ibirunga birutse bishobora gushika mw'ibahari, biteye ubwoba ko hashobora guca haba ivyuka vy'ubumara vyitwa "laze".