Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Burundi uno munsi barasozera kwamamaza "ego" canke "oya"
Igikorwa co kwamamaza gutora «ego» canke «oya» mu matora y'ibwirizwa shingiro rishasha azoba ku munsi wa kane w'iyi ndwi kirangira uno munsi.
Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD hamwe na Uprona bose bashigikiye gutora "ego", barangiriza mu gisagara ca Bujumbura.
Ururani Amizero y'Abarundi rushigikiye ko ibwirizwa nshingiro ritohindurwa rurangiriza igikorwa mu ntara ya Gitega, hagati mu gihugu.
Ugushamirana
Biri ukwo mu gihe mu mpera z'indwi irangiye hibonekeje ingorane zimwe zimwe canke ugushamirana hagati y'abanywanyi b'urunani Amizero y'Abarundi n'abo ku rundi ruhande mu duce tumwe tumwe.
Urwo runani Amizero rumenyesha ko umunywanyi warwo umwe yapfuye kuri uyu w'Imana bivuye ku mishamirano yabaye hagati y'abanywanyi b'urwo runani n'abo ku rundi ruhande.
Amakuru dukesha abashingamateka bo mu Mizero y'Abarundi avuga ko vyabereye ahitwa Rugari-Nyaruhengeri, ku mutumba Gisitwe muri komine Ntega intara ya Kirundo mu buraruko bw'u Burundi.
Umwe mu ndongozi z'urunani Amizero yasiguye ati: "Abanywanyi bacu bari bavuye kwamamaza mu gihe c'umugoroba, basubiye mu mitumba iwabu.
"Bageze mu nzira baciye bagwa mu mugwi w'abantu bitwaje ibihiri; abanywanyi ba Mizero y'Abarundi baciye bashwiragira ariko umwe yitwa Barengwanabi Raphael yarafashwe n'uwo mugwi. Yarakubiswe gushika aritaba imana."
Avuga kandi ko muri zone ya Kigoma muri komine ya Bugabira (Kirundo), naho nyene abanywanyi b'urunani bategerewe n'urwaruka ruvugwa ko ari urwo mu mugambwe uri ku butegetsi.
Imodoka barimwo yari itwaye ivyuma bisohora amajwi ikaba ngo yarononekaye kubera amabuye bayiteye.