Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Macron: Ubufaransa ntibuzocika inkokora kubera abansi
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko igihugu ciwe kitazocika inkokora kubera abansi b'ukwishira n'ukwizana, inyuma y'igitero c'iterabwoba cakozwe mu gisagara ca Paris.
Umugabo afise imbugita yagavye igitero ku bantu barengana muri karitiye ya Opéra, yica umuntu umwe anakomeretsa bandi bane.
Ubutegetsi buvuga ko bwumvise uwo mugabo w'imbugita asemerera ati "Imana ni nkuru" mu carabu, munyuma yapfuye arashwe n'igipolisi.
Nkuko ibinyamakuru vyo muri ako gace bivuga, ngo yavukiye muri Tchétchénie, abavyeyi biwe bakaba baciye bajanwa n'igipolisi gusambishwa.
Ubufaransa buramaze kwibasigwa kenshi n'ibitero vy'umugwi wa Leta y'iki Islamu "Islamic State" ari nawo wemanze ico gitero.