Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero kuri polisi mu muji wa Paris
Abategetsi mu Bufaransa bavuga ko igitero cagabwe hagati mu muji wa Paris, gishobora kuba ari ic'iterabwoba, mu gihe hasigaye igihe gito cane ngo baje mu matora ya mbere.
Umwe mu bagavye ico gitero yaciye yicwa, igipolisi c'Ubufaransa kikavuga ko hari n'abandi bagize uruhara muri ico gitero.
Abari begereye kuri iryo barabara bavuga ko umuntu yasohotse mu modokari atangura kurasa n; inkoho yo mu bwoko bwa kalashinikov.
Bikekwa ko abateye batari munsi ya babiri.
Abategetsi basavye abegereye bose aho hafi ya Champs Elysees ko bohava.
Ikibazo c'iterabwoba no gushaka gukingira abanyagihugu kiri muri bimwe mu vyavuzwe cane mu masekeza yo kwitegurira ayo matora yimirije.