Tanzaniya yatahukanye igikombe ca CECAFA 2018

Umugwi Serengeti Boys wa Tanzaniya watahukanye igikombe ca CECAFA c'abafise imyaka iri munsi ya 17, mu gutsinda umugwi wa Somalia 2-0.

Urwo rukino rwabereye mu gisagara ca kabiri kinini c'igihugu, Gitega, ku kibuga c'umupira w'amaguru Ingoma.

Rwahagaritswe vy'agateganyo kubera imvura nyinshi yari yuzuye mu kibuga.

Uwo mugwi wari wakuye mw'ihiganwa Harambee Stars ya Kenya, kugira ngo ushobore kuronka itike ryo kuja mu rukino rwa nyuma.