CECAFA-17: Serengeti Boys ya Tanzania yatsinze Kenya 2-1

Mu nkino za CECAFA z'abatarenza imyaka 17, Tanzania yatsindiye kuja mu gice ca nyuma c'ihiganwa inyuma yo gutsinda Kenya ibitego 2-1, mw'ihiganwa ry'igikombe c'ibihugu vya Afrika yo mu buseruko no hagati.

Muri urwo rukino, umugwi wa Serengeti Boys umenyerezwa na Oscar Milambo, ni wo watanguye kwinjizwa igitego ca mbere, hanyuma baragombora imbere yo gutsinda igitego c'intsinzi.

Ibitego vya Serengeti Boys vyinjijwe na Jaffar Juma ku munota wa 21 hamwe na Kelvin Paul ku munota wa 62 y'urukino.

Bazihura mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa n'uwuzoba yatsinze hatagi ya Uganda na Somalia.