Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yatahukanye ikibanza ca gatatu mu nkino za CECAFA
Umugwi w'umupira w'amaguru wa Uganda watahukanye ikibanza ca gatatu uhura na Kenya mu Burundi, mw'ihiganwa ry'ibihugu vyo muri Afrika y'ubuseruko na hagati " Council for East and Central Africa Football Associations" (CECAFA) ry'abafise imyaka iri munsi ya 17.
Umugwi wa Uganda watsinze Harambee Stars ya Kenya ibitsindo 4 kuri 2 ku kibuga c'umupira Urukundo co muri komine Buye mu ntara ya Ngozi.
Igihugu ca Kenya caheruka gutahukana igikombe ca CECAFA mu mwaka uheze, gikuyemwo umugwi wa Zanzibar ku bitsindo 3 kuri 2 mu rukino rwa nyuma.
Finale y'uno mwaka izokinwa ku wa Mungu hagati y'imigwi y'ibihugu vya Somalia na Tanzaniya ku kibuga Ngome c'i Gitega, igisagara ca kabiri gikuru kiri hagati mu Burundi.