Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump avuga ko ashobora kutitaba ibiganiro na Kim Jong-un mu gihe atacovamwo
Prezida wa Amerika Donald Trump avuga ko mu gihe ibiganiro vyobahuza na prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un ata co vyoshikako, 'azohaguruka ace abivamwo'.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, we n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe bavuze ko bikwiye ko haguma hafatwa izindi ngingo kuri Korea ya ruguru gushika ico gihugu gihagaritse gukora ibigwanisho vy'ubumara.
Abe ari mw'ihoteli ya prezida Trump ya Mar-a-Lago Resort mu gisagara ca Florida aho bariko baragiriranira ibiganiro.
Imbere y'aho, Trump yari yemeje ko umukuru w'igisata kijejwe iperereza CIA, Mike Pompeo yagize urugendo rwo mw'ibanga muri Korea ya ruguru kubonana na Kim Jong Un.
Yavuze ko Pompeo yavuganye neza na Kim, Trump yigeze kwita 'umuntu muto' kandi ko umubonano wabo wagenze neza.
Urwo rugendo rwa baye urwa mbere rwo ku rwego rwo hejuru hagati ya Amerika na Korea ya ruguru kuva mu 2000.
Uwo mubonano hagati ya prezida Trump na Kim witezwe kuba gushika mu kwezi kwa gatandatu.
Ibiwerekeye harimwo n'ikibanza uzoberamwo ntibirashirwa ahabona.