Rurangiranwa wa filime z'igihindi, Salman Khan, yakatiwe igipfungo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi rurangiranwa wa filime z'igihindi, Salman Khan, yakatiwe gupfungwa imyaka itanu ahamwe n'icaha co kwica inyamaswa zikingiwe, haciye imyaka 20.
Yahamwe n'icaha co guhiga kandi bibujijwe imparage zibiri zo mu bwoko bwa blackbuck mu congereza, mu ntara ya Rajasthan iri mu burengero bw'Ubuhindi, aho yari yagiye gukina filime.
Amajana y'abapolisi bari bashizwe hanze ya sentare mu muji wa Jodhpur kugira bagumize hamwe abakunzi biwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abandi bakinyi ba filime bane bari kumwe bagirijwe ivyaha bito baciye barekurwa.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015, Salman Khan yahanaguweko icaha co kugonga umuntu akamusiga mw'ibarabara, ico gihe umuntu w'umukene ntaho nikora akaba yarahasize ubuzima.






